Skip to content
الأنعَام /

Ayah 143

6 : 143
الأنعَام Ayahs 165
Surah · الأنعَام
Ikirundi · Gehiti
6 : 143

ثَمَٰنِيَةَ أَزۡوَٰجٖۖ مِّنَ ٱلضَّأۡنِ ٱثۡنَيۡنِ وَمِنَ ٱلۡمَعۡزِ ٱثۡنَيۡنِۗ قُلۡ ءَآلذَّكَرَيۡنِ حَرَّمَ أَمِ ٱلۡأُنثَيَيۡنِ أَمَّا ٱشۡتَمَلَتۡ عَلَيۡهِ أَرۡحَامُ ٱلۡأُنثَيَيۡنِۖ نَبِّـُٔونِي بِعِلۡمٍ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ

Ivyo bitungwa rero biri mu moko umunani, hari ane mu ntungwa; impfizi y’intama n’intamakazi, impfizi y’impene n’impenekazi. Ntumwa y’Imana! Baza ababangikanyamana uti: “None Imana Allah Yaziririje gusa impfizi z’intungwa?”. Nibakwishura bati: “Ego cane!”, bazoba babesha kuko ntibaziririza impfizi y’intungwa iyo ari yo yose. Babaze kandi uti: “Canke Imana Allah Yaziririje gusa intamakazi n’impenekazi?”. Nibakwishura bati: “Ego cane!”, bazoba babesha kuko ntibaziririza intamakazi n’impenekazi izo ari zo zose. Ongera ubabaze kandi uti: “Canke Imana Allah Yaziririje umwagazi ukiri mu nda y’intama n’uwuri mu nda y’impene?”. Nibakwishura bati: “Ego cane!”, bazoba babesha kuko ntibaziririza umwagazi uwo ari wo wose ukiri mu nda ya nyina. Babwire rero uti: “Nimunyishure mwisunze ubumenyi bwemeza ukuri ku vyo muvuga nimwaba muri imvugakuri!".