Skip to content
النِّسَاء /

Ayah 135

4 : 135

Ayah 135 of النِّسَاء (4 : 135). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

النِّسَاء Ayahs 176
4 : 135

۞ يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ كُونُواْ قَوَّٰمِينَ بِٱلۡقِسۡطِ شُهَدَآءَ لِلَّهِ وَلَوۡ عَلَىٰٓ أَنفُسِكُمۡ أَوِ ٱلۡوَٰلِدَيۡنِ وَٱلۡأَقۡرَبِينَۚ إِن يَكُنۡ غَنِيًّا أَوۡ فَقِيرٗا فَٱللَّهُ أَوۡلَىٰ بِهِمَاۖ فَلَا تَتَّبِعُواْ ٱلۡهَوَىٰٓ أَن تَعۡدِلُواْۚ وَإِن تَلۡوُۥٓاْ أَوۡ تُعۡرِضُواْ فَإِنَّ ٱللَّهَ كَانَ بِمَا تَعۡمَلُونَ خَبِيرٗا

Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimuhagarikire ubutungane maze mube ivyabona vy’ukuri ku bw’Imana Allah, n’aho vyoshika mukiyagiriza canke mukagiriza abavyeyi banyu n’abavandimwe banyu. Uko uwagirizwa azoba ari kwose, yaba umutunzi canke umukene, burya Imana Allah ni Yo Ishinzwe kumenya ineza y’umwe wese muri bo. Kubera ivyo rero, ntimugakurikire ivyipfuzo n’akagagazo vyanyu ngo bibabuze gutunganiriza abantu. Mu gihe mwokebanya ukuri mu majambo, mukaba ivyabona vy’ikinyoma, canke mukirengagiza gushikiriza ukuri muzi canke mukakunyegeza, muramenya ko mu vy’ukuri Imana Allah Yamye Izi neza ivyo mukora vyose, ni Muhetuziwavyose, Izonabibahembera.