Skip to content
Aali Imraani /

Ayah 83

3 : 83

Ayah 83 of Aali Imraani (3 : 83). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

Aali Imraani Ayahs 200
Surah · Aali Imraani
Ikirundi · Gehiti
3 : 83

أَفَغَيۡرَ دِينِ ٱللَّهِ يَبۡغُونَ وَلَهُۥٓ أَسۡلَمَ مَن فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ طَوۡعٗا وَكَرۡهٗا وَإِلَيۡهِ يُرۡجَعُونَ

Mbega none! Ivyo bigaba bishaka gukurikira idini ritari iry’Imana Allah ry’ubwislamu, kandi ibiremwa vyo mu majuru no mw’isi vyicisha bugufi kuri Yo, ku bushake mu gihe c’igamburuka ry’abemeramana muri vyo; bikicisha bugufi vyanka vyakunda no mu gihe ibigarariza muri vyo bishikiwe n’ivyago! Kukaba nkako rero, n’ibindi biremwa vyose biricisha bugufi kuri Yo, ni no kuri Yo bizosubizwa bimaze guhwera kugira biharurirwe biheze bihemberwe ivyo vyakoze.

Explanation & meanings · 1
  1. Ari na ryo dini ryarungikanwe Intumwa zose, rigashimangirwa n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).