3 : 12
قُل لِّلَّذِينَ كَفَرُواْ سَتُغۡلَبُونَ وَتُحۡشَرُونَ إِلَىٰ جَهَنَّمَۖ وَبِئۡسَ ٱلۡمِهَادُ
Ntumwa y’Imana! Bwira abagararije n’abafashe minenegwe itsinda ryawe ku rugamba rwa Badri, uti: “Muzoneshwa aha kw’isi, muheze mushishikare guhakana gushika gupfa, hanyuma muzokwegeranirizwe mu muriro wa Jahannamu”. Ni na bwo busaswa bubi cane.