28 : 21
فَخَرَجَ مِنۡهَا خَآئِفٗا يَتَرَقَّبُۖ قَالَ رَبِّ نَجِّنِي مِنَ ٱلۡقَوۡمِ ٱلظَّٰلِمِينَ
Musa aca ava muri nya gisagara atekewe n’ubwoba, arahunga agenda yeraguza irya n’ino, atinya gufatwa, araheza asaba Imana Allah avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ndagusavye Unkure mu minwe y’abantu birenganije”.