15 : 80
وَلَقَدۡ كَذَّبَ أَصۡحَٰبُ ٱلۡحِجۡرِ ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Ni ukuri Abanyahijiri, baragararije Intumwa zose mu kugarariza Intumwa Swalehe (nyakugira amahoro y’Imana Allah).
Explanation & meanings · 2
- Ni abantu bo mu bwoko bwa Thamuudi, baba mu kabande kitwa Hijiri, ako kabande kari mu buraruko bushira uburengero bwa Saudiya.
- Ukugarariza Intumwa imwe ni nk’ukugarariza Intumwa zose kuko idini ryazo ni rimwe, zarungitswe n’Imana Imwe.