Skip to content
هُود /

Ayah 3

11 : 3

Ayah 3 of هُود (11 : 3). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

هُود Ayahs 123
Surah · هُود
Ikirundi · Gehiti
11 : 3

وَأَنِ ٱسۡتَغۡفِرُواْ رَبَّكُمۡ ثُمَّ تُوبُوٓاْ إِلَيۡهِ يُمَتِّعۡكُم مَّتَٰعًا حَسَنًا إِلَىٰٓ أَجَلٖ مُّسَمّٗى وَيُؤۡتِ كُلَّ ذِي فَضۡلٖ فَضۡلَهُۥۖ وَإِن تَوَلَّوۡاْ فَإِنِّيٓ أَخَافُ عَلَيۡكُمۡ عَذَابَ يَوۡمٖ كَبِيرٍ

Muraheza rero musabe Imana yanyu Rurema Allah, kugumirizwa akabanga ku vyaha vyanyu, ntibibahanire; hanyuma mugaruke kuri Yo mwigaye, Iheze Ibahe kuryoherwa mu buzima bwo kw’isi gushika umusi warwo, Iheze Ihe n’indishi itagabanije uwo wese yahawe impano y'ubumenyi akanabugendera. Nimwagenza umugongo naho mukirengagiza ubutumwa bwanje, muramenya ko mu vy’ukuri, jewe ntinya ko mwoshikirwa n’ibihano vy’umusi uhambaye w’izuka.

Explanation & meanings · 1
  1. Iyi Aayah, igabisha uwo wese agenza umugongo mu guhakana Intumwa, akanirengagiza amabwirizwa y’Imana Allah.