Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

5 of 183 cards

Clear filters

Narrator

Show all narrators (52)
عبد الله بن مسعود2 عمر بن الخطاب2 ‌ابن عباس1 أبو أيوب الأنصاري1 أبو بكرة1 أبو حمزة أنس بن مالك1 أبو رقية تميم بن أوس الداري1 أبو عبد الرحمن عبد الله بن عمر بن الخطاب1 أبو عبد الله النعمان بن بشير1 أبو عبد الله جابر بن عبد الله الأنصاري1 أبو عمرو- وقيل1 أبو مالك الأشعري1 أبو مالك الحارث بن عاصم الأشعري1 أبو مسعود الأنصاري1 أبو هريرة عبد الرحمن بن صخر1 أبو يعلى شداد بن أوس1 ‌أبي بن كعب1 أبيه أبي موسى الأشعري1 أسماء بنت أبي بكر1 النعمان بن بشير1 النواس بن سمعان1 النواس بن سمعان الأنصاري1 أم المؤمنين أم عبد الله عائشة1 أمير المؤمنين أبي حفص عمر بن الخطاب1 تميم الداري1 جبير بن مطعم1 جرير بن عبد الله1 جندب1 جندب بن عبد الله القسري1 حذيفة1 حكيم بن حزام1 زيد بن خالد الجهني1 سفيان بن عبد الله الثقفي1 سمرة بن جندب1 شداد بن أوس1 طاوس أنه قال1 ‌عائشة1 عبد الله بن عمرو بن العاص1 عبد الله بن مسعود قال1 ‌قتادة رحمه الله قال1 معاذ بن جبل1 معقل بن يسار المزني1
hari umugabo yigeze kubaza Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ati: " Ubona gute mu gihe nosenga amasengesho-bwirizwa, nkapfunga ukwezi kwa Ramadhani, nkubahiriza amabwirizwa y'ibirekuwe nkabikora, nkubahiriza n'amabwirizwa y'ibizira nkavyirinda, hanyuma sindenze na kimwe kuri ivyo ndondaguye, nokwinjira mu Bwami bw'ijuru?". Intumwa yishuye iti: "Ego cane". Wa mugabo aca avuga ati: "Ndarahiye kw'izina ry'Imana Allah! Sindota ndenza na kimwe kuri ivyo".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Umusi umwe hari umugabo yaje ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca amubaza ati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Ni ibihe bintu bibiri bituma umuntu ategerezwa kwinjira mu Bwami bw'ijuru canke mu muriro?". Intumwa (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ica imwishura iti: "Uwupfuye atigeze abangikanya Imana Allah n'ikintu na kimwe mu biremwa, ategerezwa kuzokwinjira mu Bwami bw'ijuru, nayo uwupfuye yarabangikanije Imana Allah n'ikintu na kimwe mu biremwa, ategerezwa kuzokwinjira mu muriro"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Uwuzohura n'Imana Allah atigeze ayibangikanya n'ikintu na kimwe, azokwinjira mu Bwami bw'ijuru. Nayo uwuzohura na Yo yarayibangikanije, azokwinjira mu muriro udahera".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Iciza cose umuntu akoze, agihemberwa indishi y'imperezwa".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy mu vyakiriwe na Jaabiri, ikanashikirizwa na Muslimu mu vyakiriwe na Hudhayfa
"Mu vy'ukuri, Imana Allah hamwe n'Intumwa yayo Baraziririje kugurisha inzoga, kwihereza intumvyi n'ingurube, hamwe rero n'isengwa ry'ibigirwamana". Maze umuntu umwe mu bari aho aca avuga ati: "Ntumwa y'Imana! Ubona gute mu gihe ibinure vyokurwa ku ntumvyi! Mu vy'ukuri, ivyo binure birakoreshwa mu gusiga ku mbaho zikoreshwa mu kwubaka ubwato, bigasigwa no ku nsato kugira zorohe, eka n'abantu nyene baravyisiga, vyoba birekuwe?". Intumwa ica yishura iti: "Ihibambewe! Ivyo binure kirazira kuvyikorako". Hanyuma ico gihe Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaciye ivuga iti: "Abayahudi barakicwa n'Imana Allah! Ni ukuri, igihe Imana Allah Yaziririza ibinure vy'intumvyi ku bayahudi, barabihinguye baca baravyikorako mu kubigurisha, hanyuma bafungura igiciro cavyo".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu