Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

84 of 183 cards

Clear filters
"Agahimba kose mu bihimba vy'umubiri w'umuntu, karafise imperezwa kotanga maze umuntu akayihemberwa. Buri musi izuba riserutse rero, maze umuntu agatunganiriza abantu babiri batase, iba ari imperezwa ahemberwa, afashije umuntu mu kumwuriza ku gitwazi ciwe canke mu kumuterurira udukoresho twiwe akadushira kuri nya gitwazi, iba ari imperezwa ahemberwa, eka ni n'ijambo ryiza rihumuriza umuntu avuze, iba ari imperezwa ahemberwa, n'intambwe umuntu ateye aja gusenga, iba ari imperezwa ahemberwa, n'ugukura mu nzira ikibangamira abarengana, iba ari imperezwa ahemberwa".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Iyo abantu baba bahabwa uburenganzira bwo gucirirwa imanza hisunzwe ivyo bashikirije mu kwitwara, ni ukuri abantu bokwitwariye abandi basaba guhabwa amatungo yabo, no kwihorera mu gusesa amaraso yabo, ariko rero nyabuna icisungwa mu guca imanza, ni uwitwaye gushikiriza icemezo ku vyo yagiriza uwitwariwe, n'irahizwa ry'uwitwariwe rero mu gihe hatabonetse icagiriji, maze agahakana ivyo yagirizwa".
Inyigisho nziza y'intumwa Yashikirijwe na Al-Bayhaqiy n'abandi uku nyene, bimwe muri vyo biri mu bitabu "Swahiihu" vya Al-Bukhaariy na Muslimu
"Hari umugabo yigeze kuvuga ati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Mbega burya tuzohanirwa ivyo twakoze tukiri mu kwemera ibintazi (mu bujuju bw'ukutamenya ubwislamu)?". Intumwa yishuye iti: " Uwo wese azoba umugwaneza mu vyo akora ari mu bwislamu, ntazohanirwa ivyo yakoze acemera ibintazi. Nayo uwuzokora ibibi ari mu bwislamu, azoheza ahanirwe ivyo yakoze hambere no hanyuma"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Mu vy'ukuri, mu vyahanahanwe n'abantu bakabitahura mu majambo y'ivugishwamana ryo kuva kera na rindi, ni uko iyo utagira isoni uheza ugakora ivyo ushatse".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy
"Uwo wese yemera Imana Allah ko Ibaho akemera n'umusi w'iherezo ko ubaho, araheza avuge ivyiza canke apfume yinumira; kandi n'uwo wese yemera Imana Allah ko Ibaho, akemera n'umusi w'iherezo ko ubaho, araheza yubahe yubahirize umubanyi wiwe; n'uwo wese kandi yemera Imana Allah ko Ibaho, akemera n'umusi w'iherezo ko ubaho, araheza azimane umushitsi wiwe".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
hari umuntu yasavye Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) amubwira ati: "Mpanura ico nogenderako nk'iragi". Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yamubwiye ati: "Ntugashavure". Uyo muntu rero yarasubiyemwo ico kibazo incuro nyinshi, Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) na we aguma amusubiriramwo ya nyishu nyene ati: "Ntugashavure".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy
"Igihe kimwe Intumwa y'Imana yarabajijwe iti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Ni nde azogirirwa ibakwe kurusha abandi ry'uko uzomusabira ku musi w'izuka?". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yishuye iti: "Ewe Abu Hurayra! Ni ukuri, nari nzi ko ata wundi n'umwe yogutanga kumbaza kuri iyi nyigisho, ku kungene nabonye umwitwarariko ufise mu kwakira inyigisho z'intumwa. Uwuzogirirwa ibakwe kurusha abandi ry'uko nzomusabira ku musi w'izuka, ni uwavuze ijambo "LAA ILAAHA ILLA LLAAH" ryejejwe ku bw'Imana Allah, arikuye ku mushaha canke ku mutima wiwe".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy
"Iciza cose umuntu akoze, agihemberwa indishi y'imperezwa".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy mu vyakiriwe na Jaabiri, ikanashikirizwa na Muslimu mu vyakiriwe na Hudhayfa