Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

15 of 183 cards

Clear filters
"Ndabasigiye iragi ry'uko mwotsimbatara kw'igamburukiramana, ukwumva n'ukwumvira indongozi, n'aho indongozi ibarongoye yoba ari umuja, burya uwuzobaho akaramba muri mwebwe mu nyuma zanje, azobona ukudahuza mu guhazana kenshi mu vyiyumviro, nivyabashikira rero muraheza muce mwisunga inyigisho n'imigenzo vyanje, hamwe rero n'imigenzo y'ingendanyi zanje z'abagororotsi zigendera ukuri, izo nyigisho n'imigenzo rero ndababwiye, murazigumya n'ibijigo mu kuzigendera mutarekura, muraheza kandi mwirinde ibintu vy'ivyadukona; kuko icadukano ico ari co cose, ni ubuhuvyi"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Abu Dawudi na Al-Tirmidhiy
"Uwufise Qor'ani mu mutwe, ku musi w'izuka azobwirwa ati: "Soma maze udugirizwe icubahiro, uheze usome neza mu bwitonzi nta ngere nka kurya wahora usoma kw'isi, mu vy'ukuri urugero rw'icubahiro cawe, rugarukira kuri Aayah ya nyuma usoma"".
Inyigisho nziza y'intumwa Yashikirijwe na Abu Dawudi, Al-Tirmidhiy na Al-Nasaa-iy mu gutabu "Sunanu l-Kubraa" na Ahmad
"Uwishushanyije n'umugwi w'abantu mu nyifato no mu nyambaro, araheza agacika umwe muri bo".
Inyigisho nziza y'intumwa Yashikirijwe na Abu Dawudi na Ahmad
"Ntimukagire inzu zanyu kuba nk'imva mu kutazisengeramwo, kandi ntimuzogire imva yanje icibutso c'ihimbazwa ryanje, muraheza nyabuna munsabire ku Mana Allah amahoro n'impuhwe; kuko mu vy'ukuri, igisabisho canyu munsabiye aho muzoba muri hose, kizonshikira".
Inyigisho nziza y'intumwa Yashikirijwe na Abu Dawudi
"Ugusaba igisabisho, ni co gikorwa nya gikorwa c'iyegerezamana", hanyuma aca arasoma Aayah, aho Imana Allah Ivuga Iti: ﴾Bantu! Imana yanyu Rurema Allah Yavuze Iti: “Nimunsabe mutambangikanya na kimwe mu biremwa, maze Ndabahe ivyo musavye; mu vy’ukuri, abagira amanyama mu kuticisha bugufi ngo banyiyegereze mu vyo bakora banansenge Ndi Imana Imwe Rudende, bazokwinjira mu muriro wa Jahannamu basuzuguritse”﴿ (Ghaafir: 60).
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Abu Dawudi, Al-Tirmidhiy, Ibnu Maajah na Ahmad
"Uwubangamira abandi, Imana Allah Iraheza Ikamubangamira; uwuremereje abandi, Imana Allah Iraheza Ikumuremereza".
Inyigisho nziza y'intumwa Yashikirijwe na Abu Dawudi, Al-Tirmidhiy, Ibnu Maajah na Ahmad
"Umuntu niyakunda mwenewabo araheza amubwire ko amukunda".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Abu Dawudi, Al-Tirmidhiy na Al-Nasaa-iy mu gutabu "Sunanu l-Kubraa" na Ahmad