Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

22 of 183 cards

Clear filters
"Ubwislamu bwubakiye ku nkingi zitanu: Ukwemera n'ukwemanga ko ata mana ibwirijwe gusengwa atari Imana Imwe Rudende Allah, n'uko Muhamadi ari Umuja wayo akaba n'Intumwa yayo; ugutsimbataza isengesho; ugutanga ishikanwa-bwirizwa; ugushengerera ingoro ntagatifu y'Imana Allah iri i Makka; hamwe rero n'ugupfunga ukwezi kwa Ramadhani".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Nategetswe ko ndwanya abantu gushika bemeye bakemanga ko ata mana ibwirijwe gusengwa vy'ukuri atari Imana Imwe Rudende Allah, n'uko Muhamadi ari Intumwa y'Imana Allah, baheze rero batsimbataze isengesho, banatange n'ishikanwa-bwirizwa". Nibaramuka bakoze ivyo rero, bazoba bakingiye ubuzima bwabo hamwe n'amatungo yabo; kiretse gusa ku gateka k'ubwislamu bategerezwa kwubahiriza, ahasigaye iharurwa ryabo ku vyo bakoze rikazoba ku Mana Allah".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
Navuze mbwira Intumwa y'Imana nti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Mwene Jud'aani, imbere y'umuzo w'ubwislamu yahora yunga ubuvandimwe, akanafungurira abakene, mbega none ivyo yakoze hari ico bizomumarira? Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze yishura iti: "Ihibambewe! Nta co bizomumarira, kuko mu vy'ukuri ata na rimwe yigeze asaba Imana Allah avuga ati: "Mana yanje Rurema! Ndagusavye Uzombabarire ivyaha vyanje ku musi w'impera""".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Narigeze kuba ndi kumwe n'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ku rugendo, maze umusi umwe turiko turagenda mba ndi hafi cane yiwe, nca mvuga nti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Mbwira igikorwa cotuma ninjira mu Bwami bw'ijuru kikanyigiza kure y'umuriro". Aca anyishura avuga ati: "Ni ukuri, umbajije ku kintu gihambaye, coroshe gukora ku wacoroherejwe n'Imana Allah: Ni uko wiyegereza ukanasenga Imana Allah utayibangikanya na kimwe mu biremwa; ugatsimbataza amasengesho-bwirizwa; ugatanga ishikanwa-bwirizwa; ugapfunga ukwezi kwa Ramadhani; ukanashengerera ingoro ntagatifu". Hanyuma yaciye ambwira ati: "Mbega none ndakwereke imiryango y'ivyiza bisa!? Ugupfunga, ni inkinzo ikingira umuntu umuriro, imperezwa na yo ihanagura igicumuro kigaherengetera nka kurya amazi azimya umuriro, hamwe rero n'isengesho ry'umuntu asenga mu gicugu". Mu'aadhi yavuze ati: "Hanyuma aca asoma Aayah ati: ﴾Baravyuka bakigira kure y’uburiri basenga mu gicugu ...﴿ (As-Sajda: 16) gushika kuri ﴾...ku vyiza bamye bakora kw’isi﴿ (As-Sajda: 17); mu nyuma aca avuga ati: "Mbega ndakwiganire umutwe wa vyose, inkingi yavyo hamwe n'isonga ry'ipfupfu ryavyo!?". Naciye nishura nti: "Ego cane Ntumwa y'Imana nyiganira!". Yaciye avuga ati: "Umutwe wa vyose ni ubwislamu, inkingi ya vyose na yo ni isengesho, isonga ry'ipfupfu rya vyo na ryo ni uguharanira idini ry'Imana Allah"; mu nyuma aca avuga ati: "Mbega none ndakwiganire ikigaba kikaganza ivyo vyose ndakwiganiye?", nanje nca mvuga nti: "Ego cane Muvugishwamana nyiganira!", araheza afata isonga ry'ururimi rwiwe aca avuga ati: "Gumya aka karimi". Nanje nca mvuga nitangaza nti: "Ewe Muvugishwamana! Burya ni ukuri, tuzohanirwa ivyo tuvuga?", aca avuga ati: "Mu'aadhi! Nyoko arakakubura! None burya hari ikizota abantu mu muriro bakazobanza mu maso habo canke bakagwira amazuru yabo, atari uguhanirwa ivyavuzwe n'akarimi kabo!"".
Inyigisho y'intumwa yemewe mu bwakirizi bwayo bwose Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy, Ibnu Maajah na Ahmad
Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ibwira Sewabo iti: "Vuga uti: "LAA ILAAHA ILLA LLAAH", nanje nzoheza ndakubere icabona ntuzohanwe ku musi w'izuka", Sewabo aca avuga ati: "Iyo hataba ukwanka ko Abaqurayishi bonebagura bakavuga bati: "Yabivuze kubera ubwoba n'intege nke", ni ukuri nari kubivuga maze bikaguhimbara". Imana Allah Yaciye Ihishura Iti: {Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri wewe, ntushobora kurongora uwo ukunda ngo umushoboze kwemera; ariko Imana Allah, Irongora uwo Ishatse Igaheza Ikamushoboza kwemera} (Al-Qaswasw: 56).
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Igihe kimwe twari twicaranye n'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) mu musigiti, haca hinjira umuntu umwe yari ku ngamiya, araheza ayipfukamika mu musigiti hanyuma ayizirikira aho, mu nyuma aca abaza abari ng'aho ati: "Ni nde Muhamadi muri mwebwe?". Muri ico gihe Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yari yicaye muri twebwe, duca tuvuga duti: "Ni uyu mugabo yera yicaye ku mavi". Nya muntu aca amubwira ati: "Ewe Mwene Abdu Al-Muttwalibu!", Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca avuga ati: "Ni ukuri ndakwumva kandi baza ndakwishura". Wa mugabo aca abaza Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ati: "Mu vy'ukuri, jewe ndakubaza, kandi ndakubaza ibibazo bigoye, ntuhave rero ungirira akarigangamuhogo!". Na we amwisura ati: "Baza ku vyo wiyumvira", wa mugabo aca abaza ati: "Ndakwinginze unkundire ndakubaze kw'izina ry'Imana yawe Rurema, Ikaba n'Imana Rurema y'abo hambere yawe, burya none Allah ni We Yakurungitse ku bantu bose?". Na we aca yishura ati: "Allah ni We Cabona, ego cane ni We Yandungitse". Wa mugabo arongera avuga ati: "Ndakwinginze ko wonyishura kw'izina rya Allah, burya Allah ni We Yagutegetse ko dusenga amasengesho atanu ku murango no mw'ijoro?", na we aca amwishura ati: "Allah ni We Cabona, ego cane ni We Yabintegetse!". Uri uwundi aca asubizayo ati: ""Ndakwinginze ko wonyishura kw'izina rya Allah, burya Allah ni We Yagutegetse ko dupfunga uku kwezi kwa Ramadhani mu mwaka?". Na we aca aramwishura ati: "Allah ni We Cabona, ego cane ni We Yabintegetse!". Nya mugabo arongera avuga ati: "Ndakwinginze ko wonyishura kw'izina rya Allah, burya Allah ni We Yagutegetse gutora ishikanwa-bwirizwa, waka abatunzi muri twebwe ukarihereza abakene muri twebwe?". Na we aca aramwishura ati: "Imana Allah ni We Cabona, ego cane ni We Yabintegetse!". Wa mugabo aca avuga yemanga ati: "Ndemeye rero ivyo warungikanywe vyose, kandi burya ndi intumwa y'abo naserukiye bari inyuma yanje mu bantu banje, ni jewe Dwamaamu mwene Tha'laba mwenewabo na Bene Sa'di mwene Bakri"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu