Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

73 of 183 cards

Clear filters
"Uwubangamira abandi, Imana Allah Iraheza Ikamubangamira; uwuremereje abandi, Imana Allah Iraheza Ikumuremereza".
Inyigisho nziza y'intumwa Yashikirijwe na Abu Dawudi, Al-Tirmidhiy, Ibnu Maajah na Ahmad
"Emwe bantu! Mu vy'ukuri Imana Allah, ni Nziza kandi Irakunda ivyiza, kanatsinda Imana Allah Yategetse abemeramana gukora nka birya nyene Yategetse Intumwa, aho Yavuze Iti: ﴾Emwe Ntumwa z’Imana! Nimufungure mu vyiza bibaryoheye birekuwe, muheze mukore n’ibikorwa vyiza bitegetswe, mu vy’ukuri Jewe Allah, Ndazi neza ivyo mukora vyose, ndi Nyenubumenyikurivyose﴿ (Al-Mu-minuuna: 51), Yongera Ivuga Iti: ﴾Emwe bemeramana! Nimurye mu vyiza Twabafunguriye, muheze mushimire vy’ukuri Imana Allah ku nema zayo nimwaba koko ari Yo gusa mwiyegereza mu vyo mukora vyose mukanayisenga﴿ (Al-Baqara: 172); mu nyuma ica ivuga inkuru y'umuntu yagize urugendo rurerure, maze ntiyaba agisokoza umushatsi ari urushwigiri, yarenzwe n'intumo ntiworaba, aheza agatarika ibiganza hejuru asaba ati: "Ewe Mana yanje Rurema! Ewe Mana yanje Rurema! Kandi atunzwe n'ugufungura ibizira, ukunywa ibizira, yambara mu bizira, eka mbere we wese akaba atunzwe n'ibizira. None ga yemwe! Uyo muntu nk'uyo, ni gute yokwakirirwa igisabisho ciwe!".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
igihe kimwe Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ikintu, aca avuga ati: "Ico kintu kizoba igihe ubumenyi buzoba bugira bukurweho", nca mvuga nti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Ni gute ubumenyi buzokurwaho, kandi na twe tuguma dusoma Qor'ani twongera tunayigisha abana bacu, hanyuma abana bacu na bo nyene bakayigisha abana babo gushika ku musi w'umuhero w'isi!?". Yaciye yishura iti: "Ziyaadi, nyoko arakakubura! Nahora ndakubona nkaguharura mu bamenyi babushitse b'i Madina! Aho ga ntu, nturabona ko abayahudi n'abanaswara basoma Tawurati n'Injili, hanyuma ntihagire na kimwe mu birimwo bashira mu ngiro!?".
Inyigisho y'intumwa yemezwa n'iyindi Yashikirijwe na Ibnu Maajah
"Narigeze kuba ndi kumwe n'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ku rugendo, maze umusi umwe turiko turagenda mba ndi hafi cane yiwe, nca mvuga nti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Mbwira igikorwa cotuma ninjira mu Bwami bw'ijuru kikanyigiza kure y'umuriro". Aca anyishura avuga ati: "Ni ukuri, umbajije ku kintu gihambaye, coroshe gukora ku wacoroherejwe n'Imana Allah: Ni uko wiyegereza ukanasenga Imana Allah utayibangikanya na kimwe mu biremwa; ugatsimbataza amasengesho-bwirizwa; ugatanga ishikanwa-bwirizwa; ugapfunga ukwezi kwa Ramadhani; ukanashengerera ingoro ntagatifu". Hanyuma yaciye ambwira ati: "Mbega none ndakwereke imiryango y'ivyiza bisa!? Ugupfunga, ni inkinzo ikingira umuntu umuriro, imperezwa na yo ihanagura igicumuro kigaherengetera nka kurya amazi azimya umuriro, hamwe rero n'isengesho ry'umuntu asenga mu gicugu". Mu'aadhi yavuze ati: "Hanyuma aca asoma Aayah ati: ﴾Baravyuka bakigira kure y’uburiri basenga mu gicugu ...﴿ (As-Sajda: 16) gushika kuri ﴾...ku vyiza bamye bakora kw’isi﴿ (As-Sajda: 17); mu nyuma aca avuga ati: "Mbega ndakwiganire umutwe wa vyose, inkingi yavyo hamwe n'isonga ry'ipfupfu ryavyo!?". Naciye nishura nti: "Ego cane Ntumwa y'Imana nyiganira!". Yaciye avuga ati: "Umutwe wa vyose ni ubwislamu, inkingi ya vyose na yo ni isengesho, isonga ry'ipfupfu rya vyo na ryo ni uguharanira idini ry'Imana Allah"; mu nyuma aca avuga ati: "Mbega none ndakwiganire ikigaba kikaganza ivyo vyose ndakwiganiye?", nanje nca mvuga nti: "Ego cane Muvugishwamana nyiganira!", araheza afata isonga ry'ururimi rwiwe aca avuga ati: "Gumya aka karimi". Nanje nca mvuga nitangaza nti: "Ewe Muvugishwamana! Burya ni ukuri, tuzohanirwa ivyo tuvuga?", aca avuga ati: "Mu'aadhi! Nyoko arakakubura! None burya hari ikizota abantu mu muriro bakazobanza mu maso habo canke bakagwira amazuru yabo, atari uguhanirwa ivyavuzwe n'akarimi kabo!"".
Inyigisho y'intumwa yemewe mu bwakirizi bwayo bwose Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy, Ibnu Maajah na Ahmad
abahawe Igitabu bahora basoma Tawurati mu rurimi rw'igiheburayo, bakayisigurira abislamu mu rurimi rw'icarabu, Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ica ivuga iti: "Ntimukemeze ibivugwa n'abahawe Igitabu kandi ntimukabibeshuze, muraheza muvuge muti: {Twaremeye Imana Imwe Rudende Allah, hamwe na Qor’ani Yatumanuriye ihishuriwe Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)} (Al-Baqara: 136).
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy
"Kibondo! Mu vy'ukuri ngira ndakwigishe amajambo ngirakamaro: enda zigama Imana Allah mu kubungabunga amabwirizwa yayo, na Yo Izokuzigama Ikubungabunge; zigama Imana Allah uzoyisanga imbere yawe mu biguhanze, niwagira ico usavye, urasaba Imana Allah, niwashaka gusaba imfashanyo urayisaba Imana Allah, menya kandi ko abantu bose mu gihe bohuriza ku ngingo yuko hari ico bakumarira, ata na kimwe boshobora kukumarira, kiretse kirya Imana Allah Yamaze kukwandikira ko ukironka; no mu gihe bohuriza ku ngingo yuko bakugeramira, ata na kimwe boshobora kukugeramirako, kiretse kirya Imana Allah Yamaze kukwandikira ko kigushikira; burya rero ikaramu yandika ivyagezwe kuri umwumwe wese, yaramaze kwandika, kandi n'impapuro vyanditseko zaramaze kwumuka"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy n'abandi
"Urugomero rwanje ruzoba rureha n'uburebure bw'urugendo rw'ukwezi kuzima; amazi yarwo azoba yera de gusumba amata; akamoto kayo na ko, kazoba ari keza cane gusumba amavuta amoga neza ya miski; ibikombe azokwiherezamwo; ku bwinshi bwavyo bizoba ari nka kurya kw'inyenyeri zikwiragiye mu kirere, uwuyanyoyeko ntazopfa asubiriye kunyoterwa ibihe bidashira".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ibwira Sewabo iti: "Vuga uti: "LAA ILAAHA ILLA LLAAH", nanje nzoheza ndakubere icabona ntuzohanwe ku musi w'izuka", Sewabo aca avuga ati: "Iyo hataba ukwanka ko Abaqurayishi bonebagura bakavuga bati: "Yabivuze kubera ubwoba n'intege nke", ni ukuri nari kubivuga maze bikaguhimbara". Imana Allah Yaciye Ihishura Iti: {Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri wewe, ntushobora kurongora uwo ukunda ngo umushoboze kwemera; ariko Imana Allah, Irongora uwo Ishatse Igaheza Ikamushoboza kwemera} (Al-Qaswasw: 56).
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu