Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

73 of 183 cards

Clear filters
ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) mu vyo yakiriye ku Mana Allah Nyenimihezagiro, Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, ko Yavuze Iti: "Emwe baja banje! Mu vy'ukuri, Jewe Naraziririje ko hagira uwo Ndenganya ubwanje, Ndaheza Nziririza akarenganyo no hagati yanyu, kubera ivyo rero, ntimukarenganyane hagati yanyu. Emwe baja banje! Burya umwe wese muri mwebwe, ni umuhuvyi kiretse uwo Narongoye mu nzira igororotse, enda rero nyabuna nimunsabe kurongoka Mpeze Ndabarongore mu nzira igororotse. Emwe baja banje! Burya umwe wese muri mwebwe arashonje kiretse uwo Mfunguriye, enda rero nyabuna nimunsabe kuronswa imfungurwa Mpeze Ndabafungurire. Emwe baja banje! Burya umwe wese muri mwebwe yambaye ubusa kiretse uwo Nambitse agashambara, enda rero nyabuna nimunsabe kwambikwa agashambara Mpeze Ndabambike. Emwe baja banje! Mu vy'ukuri mwese birashika mukagwa mu vyaha ijoro n'umurango, nanje Nkaba Ngumya akabanga ku vyaha vyose Nkareka kubihanira, enda rero nyabuna nimunsabe imbabazi ku vyaha vyanyu, Mpeze ndabababarire. Emwe baja banje! Mu vy'ukuri ntimuzogera aho mwogira ico mukoze kibangamye ngo mumbangamire, eka ntimuzogera n'aho mwogira ikintu ngirakamaro mukoze ngo hagire ico kimarira. Emwe baja banje! Mu gihe uwa mbere muri mwebwe gushika ku wa nyuma muri mwebwe, abantu muri mwebwe n'Amajini muri mwebwe, bose hamwe boba abagamburukiramana ku rugero rw'umutima w'umuntu umwe muri mwebwe, ivyo nta na kimwe vyokwongereza mu Bwami bwanje. Emwe baja banje! Mu gihe uwa mbere muri mwebwe gushika ku wa nyuma muri mwebwe, abantu muri mwebwe n'Amajini muri mwebwe, bose hamwe boba abanyavayaha ku rugero rw'umutima w'umuntu umwe, ivyo nta na kimwe vyogabanya mu Bwami bwanje. Emwe baja banje! Mu gihe uwa mbere muri mwebwe gushika ku wa nyuma muri mwebwe, abantu muri mwebwe n'Amajini muri mwebwe, bose hamwe bohagarara ku rubuga rumwe, maze bakansaba, Ngaheza ngaha umwe wese muri bo ivyo yasavye, ivyo nta na kimwe vyogabanya mu biri iwanje atari nka kurya wofata urushinge ukadwibika mw'ibahari (ata co rugabanyako). Emwe baja banje! Ni ukuri, ni ibikorwa vyanyu Ndababungabungira hanyuma Nkazobibahembera. Uwo wese rero azosanga ahembewe ivyiza, araheza ashimire Imana Allah; nayo uwuzosanga ahembewe ibitari ivyo, ntazote imiragwe ku muntu kiretse kwitako imiragwe ku gatwe kiwe".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Uwishushanyije n'umugwi w'abantu mu nyifato no mu nyambaro, araheza agacika umwe muri bo".
Inyigisho nziza y'intumwa Yashikirijwe na Abu Dawudi na Ahmad
"Nta n'umwe muri mwebwe yokwemera bikwiye, ivyipfuzo vyiwe bitabanje gukurikiza ivyo narungikanywe mu mabwirizwa".
Al-Nawawiy yavuze ko ari inyigisho yemewe Twayishikirijwe mu gitabu "Al-Hujjah" mu ruhererekane rwa rwemewe
"Iyo Imana Allah Igenye isango ry'ishirwa mu ngiro ry'urupfu rw'umuja ko rizomushikira ari ahantu hanaka, Iraheza Igatuma nya muja akenera ikintu gituma ajayo".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy
Mu vy'ukuri, ibikorwa vyose bihembwa impembo hisunzwe izirikana-gikorwa vyakoranwe; kandi burya mu vy'ukuri, umwe wese arafise ku mushaha ico yazirikanye, uwo wese rero ukwimuka kwiwe kuzoba ari ku bw'Imana Allah n'Intumwa yayo, ukwimuka kwiwe kuzokwakirwa ku bw'Imana Allah n'Intumwa yayo; nayo uwuzoba ukwimuka kwiwe ari ku bw'isi n'ibihendamaso vyayo arondera, canke kukaba ari ku mvo z'ugukurikira umugore ashaka kwubakana nawe, ukwimuka kwiwe kuzokwakirirwa ku mvo z'ivyatumye yimuka". Mu majambo yakoreshejwe mu vyashikirijwe na Al-Bukhaariy: "Mu vy'ukuri ibikorwa vyose bihabwa impembo hisunzwe amazirikana-gikorwa vyakoranwe, kandi burya mu vy'ukuri umwe wese arafise ku mushaha ico yazirikanye".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Mu vy'ukuri Imana Allah, ni Nziza kandi Irakunda ivyiza, kanatsinda Imana Allah Yategetse abemeramana gukora nka birya nyene Yategetse Intumwa, aho Yavuze Iti: ﴾Emwe Ntumwa z’Imana! Nimufungure mu vyiza bibaryoheye birekuwe, muheze mukore n’ibikorwa vyiza bitegetswe﴿ (Al-Mu-minuuna: 51), Yongera Ivuga Iti: ﴾Emwe bemeramana! Nimurye mu vyiza Twabafunguriye﴿ (Al-Baqara: 172), mu nyuma ica ivuga inkuru y'umuntu yagize urugendo rurerure, maze ntiyaba agisokoza umushatsi, urushatsi ari ishwigiri, yarenzwe n'intumo ntiworaba, aheza agatarika ibiganza hejuru asaba ati: "Ewe Mana yanje Rurema! Ewe Mana yanje Rurema! Kandi atunzwe n'ugufungura ibizira, ukunywa ibizira, yambara mu bizira, eka mbere we wese akaba atunzwe n'ibizira. None ga yemwe! Umuntu nk'uyo, ni gute yokwakirirwa igisabisho ciwe!".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Umusi umwe twari ku Ntumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), maze haseruka umugabo yambaye impuzu zera de, afise umushatsi wirabura tsiritsiri, nta na kimwe cerekana ko avuye ku rugendo, eka nta n'umwe muri twebwe yamumenye, araheza yicara imbere y'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aca akomanya amavi yiwe ku mavi y'Intumwa (yegereza amavi yiwe ku mavi y'Intumwa), maze arambika ibiganza vyiwe ku bibero vyayo, aca avuga ati: "Ewe Muhamadi! Enda nyabuna nyiganira ku vyerekeye ubwislamu ico ari co". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) iraheza yishura iti: "Ubwislamu, ni uko wemera ku mutima ukatura n'ururimi, wemanga ko ata mana ibwirijwe gusengwa atari Imana Allah, ukemera kandi ku mutima ukatura n'ururimi, wemanga ko Muhamadi ari Intumwa yayo; ugatsimbataza isengesho; ugatanga ishikanwa-bwirizwa; ugapfunga ukwezi kwa Ramadhani; ukanashengerera ingoro ntagatifu iri i Makka mu gihe ushoboye gushikayo". Wa mugabo aca avuga ashimangira inyishu ati: "Uvuze ukuri nk'ukurima". Omari yavuze ati: "Abari ng'aho, vyaradutangaje kwumva umuntu abaza hanyuma agaca yemera inyishu ahawe ata guhigimanga!". Wa mugabo arongera avuga ati: "Enda nyabuna nyiganira ivyerekeye ukwemera ico ari co". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ica irishura iti: "Ni uko wemera Imana Allah, abamalayika bayo, Ibitabu vyayo, Intumwa zayo, umusi w'iherezo, hamwe rero n'ukwemera ivyagezwe ku biremwa: ivyiza muri vyo n'ibibi". Wa mugabo aca avuga ashimangira inyishu ati: "Uvuze ukuri nk'ukurima". Wa mugabo araheza avuga ati: "Enda nyabuna nyiganira rero no ku vyerekeye ubugwaneza ico ari co". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ica irishura iti: "Ni uko wiyegereza Imana Allah mu vyo ukora vyose ukanayisenga nk'aho woba uyibona; mu gihe wokwibwira ko utayibona, ariko ubwirizwa kumenya ko Yoyo Ikubona". Wa mugabo arasubira avuga ati: "Enda nyabuna nyiganira ku vyerekeye umuhero w'isi, umbwire ni ryari uzoshika?". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ica yishura iti: "Burya uwubajijwe ico kibazo, si we azi inyishu yaco gusumba uwakibajije!". Wa mugabo asubizayo ati: "Enda rero nyiganira nyabuna ku vyerekeye ibimenyetso vy'umuhero w'isi". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) iraheza yishura iti: "Ni uko uzobona umuguranokazi avyara inabuja, ukabona n'abantu bagenda n'ibirenge bisa ata birato, bambaye ubusa, barangwa n'ubukene ubaravye uko basa, abungere b'intungwa barusharushanwa mu kuduza inyubakwa". Omari yavuze ati: "Hanyuma wa mugabo yaciye agenda, nca mara akanya gato, Intumwa ica imbwira imbaza iti: "Ewe Omari! Woba wamenye uwariko arabaza, uwo ari we!?". Nanje nca ndishura nti: "Ihibambewe! Imana Allah n'Intumwa yayo, ni bo Bazi kurusha". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ica imbwira iti: "Urya yari umumalayika Jibrili yaje kugira abigishe idini ryanyu"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Narumvise Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), hasigaye amajoro atanu ngo ahwere (imbere yuko ahwera ku majoro atanu), ariko aravuga ati: " Mu vy'ukuri, jewe ndiyejeje ku Mana Allah kuba nogira umukunzi nkoramutima muri mwebwe, kuko mu vy'ukuri Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Yangize umukunzi nkoramutima wayo; nka kurya Yagize Ibrahimu umukunzi nkoramutima wayo; iyo rero nza kuba nogira umukunzi nkoramutima mu bo narungitsweko, nari kugira Abu Bakari umukunzi nkoramutima wanje. Bantu! Nimwumve mwumvireho, mu vy'ukuri mu bantu bo hambere yanyu, harabayemwo abagira imva z'Abavugishwamana babo n'iz'aberanda muri bo, kuba imisigiti. Bantu! Nimwumve mwumvireho, ntimukagire imva kuba imisigiti, n'ukuri jewe ndabibihanikirije (ndabibabujije)"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu