Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

13 of 183 cards

Clear filters
"Mu vy'ukuri, Imana Allah Izofata umuntu umwe mu bantu narungitsweko, kugira Imuharurire ishengero ry'ibiremwa rikoraniye ng'aho ku musi w'izuka, aheze yugururirwe ibitabu mirongo icenda c'icenda vyanditswemwo ivyo yakoze vyose, kimwe cose muri vyo kizoba ari kirekire kireha n'ibuheramaso, hanyuma Imana Allah Ibwire nya muntu Iti: "Muri ibi vyose, hari na kimwe uhakana? Abanditsi banje babungabunga ibikorwa vy'ibiremwa, hari na kimwe bakurenganijeko!?". Wa muntu azoheza yishure ati: "Mana yanje Rurema! Habe namba". Imana Allah Izoca Imubaza Iti: "None hari ico wokwireguza ku vyo wakoze?". Wa muntu aheze yishure ati: "Mana yanje Rurema! Ihibambewe, nta co mfise nokwireguza". Maze Imana Allah Ice Imubwira Iti: "Ego cane, urafise ico wokwireguza, mu vy'ukuri urafise iciza twakuzigamiye, kukaba nkako kuri uno musi, nta na kimwe urenganywako". Hazoca herekanwa agatabu kanditsemwo gati: "ASH-HADU AN LAA ILAAHA ILLA LLAAH, WA-ASH-HADU ANNA MUHAMMADA ABDUHU WARASUULUH". Imana Allah Ishoke Ivuga Iti: "Genda rero upimirwe ku munzane ivyo wakoze". Wa muntu azokwitangaza maze avuga ati: "Mana yanje Rurema Allah! Agatabu nk'aka gapimwe hambavu y'ibitabu nk'ibi bingana amahanga!?". Imana Allah Izomwishura Imuhumuriza Iti: "Mu vy'ukuri, wewe nturenganywa na mba". Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati: "Ico gihe rero vya bitabu amahanga bizoshirwa kw'isahani y'umunzane, ka gatabu nako gashirwe kw'isanani y'urundi ruhande rw'umunzane, maze nya bitabu bice bihwahuka, ka gatabu na ko gace karemera ku munzane, kanatsinda nta kintu coza kiremereye namba gusumba izina ry'Imana Allah"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy na Ibnu Maajah
"Iyo Imana Allah Igenye isango ry'ishirwa mu ngiro ry'urupfu rw'umuja ko rizomushikira ari ahantu hanaka, Iraheza Igatuma nya muja akenera ikintu gituma ajayo".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy
"Uwubangamira abandi, Imana Allah Iraheza Ikamubangamira; uwuremereje abandi, Imana Allah Iraheza Ikumuremereza".
Inyigisho nziza y'intumwa Yashikirijwe na Abu Dawudi, Al-Tirmidhiy, Ibnu Maajah na Ahmad
"Narigeze kuba ndi kumwe n'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ku rugendo, maze umusi umwe turiko turagenda mba ndi hafi cane yiwe, nca mvuga nti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Mbwira igikorwa cotuma ninjira mu Bwami bw'ijuru kikanyigiza kure y'umuriro". Aca anyishura avuga ati: "Ni ukuri, umbajije ku kintu gihambaye, coroshe gukora ku wacoroherejwe n'Imana Allah: Ni uko wiyegereza ukanasenga Imana Allah utayibangikanya na kimwe mu biremwa; ugatsimbataza amasengesho-bwirizwa; ugatanga ishikanwa-bwirizwa; ugapfunga ukwezi kwa Ramadhani; ukanashengerera ingoro ntagatifu". Hanyuma yaciye ambwira ati: "Mbega none ndakwereke imiryango y'ivyiza bisa!? Ugupfunga, ni inkinzo ikingira umuntu umuriro, imperezwa na yo ihanagura igicumuro kigaherengetera nka kurya amazi azimya umuriro, hamwe rero n'isengesho ry'umuntu asenga mu gicugu". Mu'aadhi yavuze ati: "Hanyuma aca asoma Aayah ati: ﴾Baravyuka bakigira kure y’uburiri basenga mu gicugu ...﴿ (As-Sajda: 16) gushika kuri ﴾...ku vyiza bamye bakora kw’isi﴿ (As-Sajda: 17); mu nyuma aca avuga ati: "Mbega ndakwiganire umutwe wa vyose, inkingi yavyo hamwe n'isonga ry'ipfupfu ryavyo!?". Naciye nishura nti: "Ego cane Ntumwa y'Imana nyiganira!". Yaciye avuga ati: "Umutwe wa vyose ni ubwislamu, inkingi ya vyose na yo ni isengesho, isonga ry'ipfupfu rya vyo na ryo ni uguharanira idini ry'Imana Allah"; mu nyuma aca avuga ati: "Mbega none ndakwiganire ikigaba kikaganza ivyo vyose ndakwiganiye?", nanje nca mvuga nti: "Ego cane Muvugishwamana nyiganira!", araheza afata isonga ry'ururimi rwiwe aca avuga ati: "Gumya aka karimi". Nanje nca mvuga nitangaza nti: "Ewe Muvugishwamana! Burya ni ukuri, tuzohanirwa ivyo tuvuga?", aca avuga ati: "Mu'aadhi! Nyoko arakakubura! None burya hari ikizota abantu mu muriro bakazobanza mu maso habo canke bakagwira amazuru yabo, atari uguhanirwa ivyavuzwe n'akarimi kabo!"".
Inyigisho y'intumwa yemewe mu bwakirizi bwayo bwose Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy, Ibnu Maajah na Ahmad
"Kibondo! Mu vy'ukuri ngira ndakwigishe amajambo ngirakamaro: enda zigama Imana Allah mu kubungabunga amabwirizwa yayo, na Yo Izokuzigama Ikubungabunge; zigama Imana Allah uzoyisanga imbere yawe mu biguhanze, niwagira ico usavye, urasaba Imana Allah, niwashaka gusaba imfashanyo urayisaba Imana Allah, menya kandi ko abantu bose mu gihe bohuriza ku ngingo yuko hari ico bakumarira, ata na kimwe boshobora kukumarira, kiretse kirya Imana Allah Yamaze kukwandikira ko ukironka; no mu gihe bohuriza ku ngingo yuko bakugeramira, ata na kimwe boshobora kukugeramirako, kiretse kirya Imana Allah Yamaze kukwandikira ko kigushikira; burya rero ikaramu yandika ivyagezwe kuri umwumwe wese, yaramaze kwandika, kandi n'impapuro vyanditseko zaramaze kwumuka"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy n'abandi