Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

26 of 183 cards

Clear filters
"Hari umugabo umwe yigeze kuza ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca avuga ati: "Mu vy'ukuri, igitwazi nahora nikorako kikanderura carapfuye, enda rero ndagusabe ko umpa igitwazi coza kiranderura". Maze aca amwishura ati: "Nta gitwazi mfise noguha". Niho umugabo umwe mu bari ng'aho yaca avuga ati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Jewe nomurangira uwomuha igitwazi kimurerura". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ica ivuga iti: "Uwo wese arangiye abantu iciza bakora, araheza agahabwa impera nk'irya nyene uwakoze nya ciza aronka"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Mu vy'ukuri mu bagabo Imana Allah Yanka cane, ni inshirwarimenetse y'intahanurwa mu matati".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Nimwirinde gukora ibintu indwi bihonya bigatongora". Ingendanyi zari ng'aho ziraheza zibaza ziti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Ivyo bintu indwi bihonya bigatongora, ni ibihe?". Intumwa y'Imana ica yishura iti: "Ni ibangikanyamana, ukuroga, ukwica umuntu kizira ko yicwa kiretse mu gihe hubahirijwe ukuri, ukurya inyungu izira (ribaa), ukurya n'ukwihagira amatungo y'impfuvyi, ukugenza umugongo ku rugamba umusi rwarese (rwakamvye), hamwe rero n'ugukorera inteba ishushe mu kwagiriza ubusambanyi abemeramanakazi bubatse izabo batigera biyumvira na rimwe gusambana"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Nta n'umwe yemera bikwiye, atabanje gukundira mwenewabo mu bantu ko aronka nk'ivyo wenyene ubwiwe akunda ko yoronka".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Mu vy'ukuri intungane nya ntungane, ku Mana Allah zizohabwa ivyicaro vy'iteka ku nyegamo zikozwe mu muco, ziri iburyo bwa Nyenimpuhwe "Rahmaani", Nyenintsinzi na Nyenicubahiro, kanatsinda amaboko yiwe yompi, ni ay’iburyo", izo ntungane rero, ni barya bantu b'intungane batagira nkunzi mu ngingo bafata igihe bariko batunganiriza abantu, igihe bariko batunganiriza imiryango yabo, no mu gihe co kwubahiriza amabanga n'amabango bajejwe".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Mu vy'ukuri, mu vyahanahanwe n'abantu bakabitahura mu majambo y'ivugishwamana ryo kuva kera na rindi, ni uko iyo utagira isoni uheza ugakora ivyo ushatse".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy
"Uwo wese yemera Imana Allah ko Ibaho akemera n'umusi w'iherezo ko ubaho, araheza avuge ivyiza canke apfume yinumira; kandi n'uwo wese yemera Imana Allah ko Ibaho, akemera n'umusi w'iherezo ko ubaho, araheza yubahe yubahirize umubanyi wiwe; n'uwo wese kandi yemera Imana Allah ko Ibaho, akemera n'umusi w'iherezo ko ubaho, araheza azimane umushitsi wiwe".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
hari umuntu yasavye Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) amubwira ati: "Mpanura ico nogenderako nk'iragi". Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yamubwiye ati: "Ntugashavure". Uyo muntu rero yarasubiyemwo ico kibazo incuro nyinshi, Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) na we aguma amusubiriramwo ya nyishu nyene ati: "Ntugashavure".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy