Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

8 of 183 cards

Clear filters
"Uwufise inguvu n'imirya koko, si urya azi gukubitana imyereka, mu vy'ukuri uwufise inguvu n'imirya koko, ni urya yigumya igihe ashavuye, ntaheze ngo ashire aho ishavu rishize".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Ntimugasharikane, ntimukaduganirizeko ibiciro mu guta mu rudubi abaguzi, ntimukankane urunuka, ntimugahane umugongo mu guca ubuvandimwe n'ubucuti, ntihakagire muri mwebwe abagurishiriza ikidandazwa ku kindi camaze kugurishwa na bamwe muri mwebwe, muraheza rero mube abaja b'Imana Allah b'abavukanyi. Burya umwislamu ni mwenewabo w'uwundi mwislamu; ntarota amurenganya, eka ntanamwihakana ngo areke kumutabara, kandi ntahirahira ngo amukengere, burya rero nyabuna igamburukiramana nyaryo riri ng'aha", ica ibisubiramwo incuro zitatu itunga n'urutoki ku gikiriza cayo, iraheza ivuga iti: "Birakwiye ku muntu kuba ari ikibi, gukengera mwenewabo w'umwislamu; burya umwislamu wese, ni ikizira kikaziririzwa kuri we: gusesa amaraso y'uwundi mwislamu, kumwambura amatungo yiwe, hamwe rero no kumuhungabaniriza agateka n'icubahiro vy'umuryango wiwe".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Biri mu biranga ubwislamu bwiza bw'umuntu, umuntu kureka kuja mu bitamuraba".
Al-Nawawiy yavuze ko ari inyigisho nziza Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy n'abandi
"Nimwirinde gukora ibintu indwi bihonya bigatongora". Ingendanyi zari ng'aho ziraheza zibaza ziti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Ivyo bintu indwi bihonya bigatongora, ni ibihe?". Intumwa y'Imana ica yishura iti: "Ni ibangikanyamana, ukuroga, ukwica umuntu kizira ko yicwa kiretse mu gihe hubahirijwe ukuri, ukurya inyungu izira (ribaa), ukurya n'ukwihagira amatungo y'impfuvyi, ukugenza umugongo ku rugamba umusi rwarese (rwakamvye), hamwe rero n'ugukorera inteba ishushe mu kwagiriza ubusambanyi abemeramanakazi bubatse izabo batigera biyumvira na rimwe gusambana"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Uwo wese yemera Imana Allah ko Ibaho akemera n'umusi w'iherezo ko ubaho, araheza avuge ivyiza canke apfume yinumira; kandi n'uwo wese yemera Imana Allah ko Ibaho, akemera n'umusi w'iherezo ko ubaho, araheza yubahe yubahirize umubanyi wiwe; n'uwo wese kandi yemera Imana Allah ko Ibaho, akemera n'umusi w'iherezo ko ubaho, araheza azimane umushitsi wiwe".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
hari umuntu yasavye Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) amubwira ati: "Mpanura ico nogenderako nk'iragi". Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yamubwiye ati: "Ntugashavure". Uyo muntu rero yarasubiyemwo ico kibazo incuro nyinshi, Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) na we aguma amusubiriramwo ya nyishu nyene ati: "Ntugashavure".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy
"Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yarigeze kubazwa ku bintu kenshi na kenshi bizotuma abantu binjira mu Bwami bw'ijuru, ica yishura ivuga iti: "Igamburukiramana hamwe rero n'umuntu kurangwa n'ingeso nziza". Yaranabajijwe ku bintu kenshi na kenshi bizotuma abantu binjira mu muriro, ica yishura ivuga iti: "Akarimi ku muntu hamwe rero n'igitsina"".
Inyigisho nziza y'intumwa kandi yemewe Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy, Ibnu Maajah na Ahmad
"Aho hambere harigeze kuba umuntu ahereza abantu ingurane, maze hagera kubishuza akabwira umukozi wiwe arungitse ati: "Niwahura n'uwudufitiye umwenda adashoboye kuwishura, uramurengana umwihoze, kumbure hari n'aho na twe Imana Allah Yoturengana mu kutaduhanira ivyaha vyacu, nya muntu amaze gupfa agahura n'Imana Allah, Yaramurenganye maze Iramubabarira ivyaha vyiwe".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu