"Uwutagirira impuhwe abantu, Imana Allah Nyenintsinzi na Nyenicubahiro ntiheza ngo Imugirire impuhwe namba".
Mu vyakiriwe na Jariiru mwene Abdullahi (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Uwutagirira impuhwe abantu, Imana Allah Nyenintsinzi na Nyenicubahiro ntiheza ngo Imugirire impuhwe namba".
«مَنْ لَا يَرْحَمِ النَّاسَ لَا يَرْحَمْهُ اللهُ عَزَّ وَجَلَّ».
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aratomora ko uwutagirira impuhwe abantu, Imana Allah Nyenintsinzi na Nyenicubahiro Itamugirira impuhwe namba, burya ukugirira impuhwe ibiremwa, ni imwe mu mvo zihambaye zituma umuntu agirirwa impuhwe n'Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere.
Impuhwe zirakenewe ku biremwa vyose, yamara muri iyi nyigisho y'intumwa, havuzwe abantu ku kwerekana ko ari bo na canecane bazikeneye.
Imana Allah ni Yo Nyenimpuhwe, Igirira impuhwe abaja bayo bagirira impuhwe abandi, burya impera y'igikorwa ni ingere ku yindi (yisunga ubwoko bwa nya gikorwa).
Ukugirira impuhwe abantu, hahurikiyemwo kubakorera ivyiza no kubakingira ibibi, hamwe rero no kubana na bo ku neza kandi mu bugwaneza.
Igitabu "Swahiihu l-Bukhaariy" (8/ 10) (6013).
Igitabu "Swahiihu Muslim" (4/ 1809) (2319).
Ivyiyongeyeko (5)
شرح رياض الصالحين.
لابن عثيمين (2/ 553).
نزهة المتقين شرح رياض الصالحين (1/ 247).
بهجة الناظرين شرح رياض الصالحين.
لسليم الهلالي (1/ 319).