Kibondo! Mu vy'ukuri ngira ndakwigishe amajambo ngirakamaro, enda zigama Imana Allah mu kubungabunga amabwirizwa yayo, na Yo Izokuzigama Ikubungabunge; zigama Imana Allah uzoyisanga imbere yawe mu biguhanze; niwagira ico usavye, urasaba Imana Allah, niwashaka gusaba imfashanyo urayisaba Imana Allah
Mu vyakiriwe na mwene Abasi (Imana Allah Ibishimire bompi) yavuze ati:
"Umusi umwe nari mpetswe n'Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ku gitwazi iraheza imbwira iti: "Kibondo! Mu vy'ukuri ngira ndakwigishe amajambo ngirakamaro, enda zigama Imana Allah mu kubungabunga amabwirizwa yayo, na Yo Izokuzigama Ikubungabunge; zigama Imana Allah uzoyisanga imbere yawe mu biguhanze; niwagira ico usavye, urasaba Imana Allah, niwashaka gusaba imfashanyo urayisaba Imana Allah. Menya kandi ko abantu bose mu gihe bohuriza ku ngingo yuko hari ico bakumarira, ata na kimwe boshobora kukumarira kiretse kirya Imana Allah Yamaze kukwandikira ko ukironka; no mu gihe bohuriza ku ngingo yuko bakugeramira, ata na kimwe boshobora kukugeramirako kiretse kirya Imana Allah Yamaze kukwandikira ko kigushikira; burya rero ikaramu yandika ivyagezwe kuri umwumwe wese, yaramaze kwandika, kandi n'impapuro vyanditseko zaramaze kwumuka"".
كُنْتُ خَلْفَ رَسُولِ اللهِ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ يَوْمًا، فَقَالَ: «يَا غُلَامُ، إِنِّي أُعَلِّمُكَ كَلِمَاتٍ، احْفَظِ اللهَ يَحْفَظْكَ، احْفَظِ اللهَ تَجِدْهُ تُجَاهَكَ، إِذَا سَأَلْتَ فَاسْأَلِ اللهَ، وَإِذَا اسْتَعَنْتَ فَاسْتَعِنْ بِاللهِ، وَاعْلَمْ أَنَّ الْأُمَّةَ لَوِ اجْتَمَعَتْ عَلَى أَنْ يَنْفَعُوكَ بِشَيْءٍ، لَمْ يَنْفَعُوكَ إِلَّا بِشَيْءٍ قَدْ كَتَبَهُ اللهُ لَكَ، وَلَوِ اجْتَمَعُوا عَلَى أَنْ يَضُرُّوكَ بِشَيْءٍ، لَمْ يَضُرُّوكَ إِلَّا بِشَيْءٍ قَدْ كَتَبَهُ اللهُ عَلَيْكَ، رُفِعَتِ الْأَقْلَامُ وَجَفَّتِ الصُّحُفُ».
Mwene Abasi (Imana Allah Imwishimire) aratwiganira ko igihe yari akiri umwana muto, Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yigeze kuba amuhetse ku gitwazi, maze (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca amubwira ati: Mu vy'ukuri ngira ndakwigishe ibintu bizotuma Imana Allah Igira ico Ikumariye: Enda zigama Imana Allah mu kubungabunga amabwirizwa y'ibitegetswe n'ibibujijwe, ku buryo igihe cose Igusanga uri mu bikorwa nyumviramana na nyegerezamana, gutyo ntigusange uri mu vyaha no mu bicumuro, niwaramuka ukoze ivyo, impera yawe izoba ari uko Imana Allah Ikuzigama mu kugukingira ivyokubangamira mu buzima bwo kw'isi no mu bw'inyuma yo gupfa, maze Igushikane ku ntsinzi mu vyawe aho hose uzoba uroye kw'isi. Mu gihe rero wogira ikintu ushatse gusaba, ntugasabe nya kintu umuntu n'umwe, kiretse Imana Allah kuko ari Yo Yonyene Yishura abasavyi mu kubaronsa ivyo basavye. No mu gihe ushatse gusaba imfashanyo ku bikugoye, ntugasabe umuntu n'umwe kiretse Imana Allah. Uragira n'ukwizera nya kwizera ko ata kintu na kimwe ngirakamaro woshikako n'aho abantu bo kw'isi yose bogihurizako kugira ngo bakikumarire, kiretse kirya Imana Allah Yakwandikiye ko ukironka; n'uko ata kintu na kimwe kikubangamira cogushikira n'aho abantu bo kw'isi yose bogihurizako kugira ngo bakugeramire, kiretse kirya Imana Allah Yamaze kugera kuri wewe ko kigushikira. Ukanizera kandi ko birya vyose bigushikira, Imana Allah Yamaze kuvyandika no kubigera hisunzwe intumbero nziza Ifise ku biremwa, n'ubumenyi bwayo bukikuje vyose, nta gihinduka rero mu vyo Imana Allah Yamaze kwandika.
خلف النبي -صلى الله عليه وسلم-: أي على دابته رديفًا.
غلام: الصبي من حين يولد إلى أن يقارب سنَّ البلوغ.
Akamaro k'ukwigisha abana bakiri bato ivyerekeye idini, mu bijanye n'ukwemera Imana Imwe Rudende n'urupfasoni rw'ikislamu, n'ibindi bitari ivyo.
Impera ku Mana Allah yisunga ubwoko bw'igikorwa.
Kubwiriza abantu ko bishimikiza Imana Allah, n'uko ata n'ikindi kintu gikwiye kwishimikizwa mu gishingo cayo, kuko Imana Allah ari Yo Mwiza w'ukwishimikizwa.
Ukwemera ivyagezwe n'ishirwa mu ngiro ryavyo, hamwe rero no kuvyishimira mu kuvyakira ata kwidoga, kuko Imana Allah Yamaze kugera ibintu vyose.
Uwiyobagiza amabwirizwa y'Imana Allah mu kutayubahiriza, Imana Allah Iraheza Ikamureka akazimira, eka ntinamuzigama ngo Imubungabunge.
Igitabu "Sunanu Al-Tirmidhiy" (4/ 284) (2516).
Ivyiyongeyeko (5)
التحفة الربانية في شرح الأربعين حديثًا النووية (ص42).
شرح الأربعين النووية.
لابن عثيمين (ص200).
فتح القوي المتين في شرح الأربعين وتتمة الخمسين.
للعباد (ص69).
Cited in books
10 BooksIvyiyongeyeko (10)
- الإسلام أصوله ومبادئه{واعلم أن الأمة لو اجتمعوا على أن ينفعوك لم ينفعوك إلا بشيء قد كتبه الله لك، ولو اجتمعوا على أن يضروك لم يضروك إلا بشيء قد كتبه الله عليك}[287].
- مادة العقيدة الإسلامية(وَاعْلَمْ أَنَّ الأُمَّةَ لَوِ اجْتَمَعُوا عَلَى أَنْ يَنْفَعُوكَ، لَمْ يَنْفَعُوكَ إِلاَّ بِشَيْءٍ قَدْ كَتَبَهُ اللَّهُ لَكَ، وَلَوِ اجْتَمَعُوا عَلَى أَنْ يَضُرُّوكَ، لَمْ يَضُرُّوكَ إِلاَّ بِشَيْءٍ قَدْ كَتَبَهُ اللَّهُ عَلَيْكَ، رُفِع
- مجالس تدارس القرآن للمبتدئين (سورة الفاتحة وقصار المفصّل)1«وَاعْلَمْ أَنَّ الأُمَّةَ لَوْ اجْتَمَعَتْ عَلَى أَنْ يَنْفَعُوكَ بِشَيْءٍ لَمْ يَنْفَعُوكَ إِلَّا بِشَيْءٍ قَدْ كَتَبَهُ اللَّهُ لَكَ، وَلَوْ اجْتَمَعُوا عَلَى أَنْ يَضُرُّوكَ بِشَيْءٍ لَمْ يَضُرُّوكَ إِلَّا بِشَيْءٍ قَدْ كَتَبَهُ اللَّهُ
- مجموعة زاد التربية الإسلامية (1)، والسيرة النبوبة (1)، والعقيدة (1)، والفقه (1)التربية الأسلامية 1«يا غُلامُ، إِنِّي أُعلِّمُك كلِماتٍ، احْفظِ اللّه يحْفظْك، احْفظِ اللّه تجِدْهُ تُجاهك، إِذا سألْت فاسْألِ اللّه، وإِذا اسْتعنْت فاسْتعِنْ بِاللهِ، واعْلمْ أنّ الأُمّة لوْ اجْتمعتْ على أنْ ينْفعُوك بِشيْءٍ لمْ ينْفعُوك إِلّا بِشيْءٍ قدْ كت
- مجموعة زاد التربية الإسلامية (3)، والسيرة النبوية (3)السيرة النبوية (3)«يا غلامُ، إني أعلمُك كلماتٍ».
- مجموعة زاد الحديث(3)1«يَا غُلَامُ، إِنِّي أُعَلِّمُكَ كَلِمَاتٍ، احْفَظِ الله يَحْفَظْكَ، احْفَظِ الله تَجِدْهُ تُجَاهَكَ، إِذَا سَأَلْتَ فَاسْأَلِ الله، وَإِذَا اسْتَعَنْتَ فَاسْتَعِنْ بِالله، وَاعْلَمْ أَنَّ الأُمَّةَ لَوْ اجْتَمَعَتْ عَلَى أَنْ يَنْفَعُوكَ ب
- مجموعة زاد الحديث(3)1«يَا غُلام، إني أُعَلِّمُكَ كَلِماتٍ».
- مشروع منهاج زادكزادك 1 طالب«وَاعْلَمْ أَنَّ الْأُمَّةَ لَوِ اجْتَمَعُوا عَلَى أَنْ يَنْفَعُوكَ، لَمْ يَنْفَعُوكَ إِلا بِشَيْءٍ قَدْ كَتَبَهُ اللهُ لَكَ، وَلَوِ اجْتَمَعُوا عَلَى أَنْ يَضُرُّوكَ، لَمْ يَضُرُّوكَ إِلا بِشَيْءٍ قَدْ كَتَبَهُ اللهُ عَلَيْكَ، رُفِعَتِ الْ
- مشروع منهاج زادكزادك 2 طالب نهائي«يَا غُلَامُ، إِنِّي أُعَلِّمُكَ كَلِمَاتٍ، احْفَظِ اللهَ يَحْفَظْكَ، احْفَظِ اللهَ تَجِدْهُ تُجَاهَكَ، إِذَا سَأَلْتَ فَاسْأَلِ اللهَ، وَإِذَا اسْتَعَنْتَ فَاسْتَعِنْ باللهِ»
- مشروع منهاج زادكزادك 3 طالب نهائيعَن ابنِ عباسٍ رضي الله عنه قَالَ: كنت خلف النَّبيِّ صلى الله عليه وسلم يومًا، فَقَالَ: «يَا غُلَامُ، إنِّي أعلِّمُكَ كَلِمَاتٍ، احْفَظِ اللهَ يَحْفَظْكَ، احْفَظِ اللهَ تَجِدْهُ تُجَاهَكَ، إِذَا سَألْتَ فَاسأَلِ اللهَ، وإِذَا اسْتَعَنْتَ فَ