"Enda nyabuna, reka gukora ikiguteye amakenga, uheze utandukire ikitaguteye amakenga".
Mu vyakiriwe na Se wa Muhamadi, Al-Hasan mwene Ali mwene Abu Twaalibi, umwuzukuru akaba na rukundiro rw'Intumwa (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati: "Narafashe ku mutwe mu vyo numvise ku Ntumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ko yavuze iti:
"Enda nyabuna, reka gukora ikiguteye amakenga, uheze utandukire ikitaguteye amakenga".
«دَعْ مَا يَرِيبُك إلَى مَا لَا يَرِيبُكَ».
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yategetse ko umuntu yoreka ibimuteye amakenga haba mu majambo no mu bikorwa, atarinze kuraba ko vyoba bibujijwe canke birekuwe, ko vyoba bizira canke biziruye, aheze rero atandukire akore ibitamuteye amakenga mu bintu bigaragara ko biziruye kandi ari vyiza.
Ni ngombwa ku mwislamu, ko yubakira ivyo akora ku bumenyi buzira amakenga, gutyo akareka gukora ibimuteye amakenga, maze mu vyerekeye idini ryiwe akama yagavye.
Ukubuza umuntu kugwa mu biteye amazinda "shubuhaati".
Niwashaka gutekanirwa n'ukuruhuka ku mutima, urareka gukora ibiguteye amakenga maze uvyirinde mu kuvyigira kure.
Impuhwe z'Imana Allah ku baja bayo mu kuba Yabategetse ibibaruhura bigatuma batekana ku mutima, no mu kuba Yababujije gukora ibibajuragiza bikabazazanira.
Igitabu "Sunanu Al-Nasaa-iy" (8/ 327) (5711).
Igitabu "Sunanu Al-Tirmidhiy" (4/ 286) (2518).
Igitabu "Musnadu Ahmad" (3/ 248) (1723).
Ivyiyongeyeko (5)
التحفة الربانية في شرح الأربعين حديثًا النووية.
لإسماعيل الأنصاري (ص29).
شرح الأربعين النووية.
لابن عثيمين (ص153).
فتح القوي المتين في شرح الأربعين وتتمة الخمسين للنووي وابن رجب (ص56).
Cited in books
7 BooksIvyiyongeyeko (7)
- التحقيق والإيضاح لكثير من مسائل الحج والعمرة والزيارة على ضوء الكتاب والسنةالتحقيق والإيضاح لكثير من مسائل الحج والعمرة والزيارة - النسخة المعتمدة«دَعْ مَا يَرِيبُكَ إِلَى مَا لَا يَرِيبُكَ» [43].
- الخطب المنبريةموسوعة الخطب المنبرية (القسم الثالث)«دَعْ مَا يَرِيبُكَ إِلَى مَا لَا يَرِيبُكَ»
- رسالتان موجزتان في الزكاة والصيامفي فضل صيام رمضان وقيامه «دَعْ مَا يَرِيبُكَ إِلَى مَا لَا يَرِيبُكَ»[11].
- رياض الصالحينرياض الصالحين مع فوائد وهدايات - 3«دَعْ مَا يرِيبُكَ إلىٰ مَا لا يرِيبُكَ».
- مجموعة زاد التربية الإسلامية (2)1«دعْ ما يريبُك إلى ما لا يريبُك».
- مجموعة زاد الحديث(2)1قُلْتُ لِلْحَسَنِ بْنِ عَلِيٍّ رضي الله عنهما: مَا حَفِظْتَ مِنْ رَسُولِ اللَّهِ ﷺ ؟ قَالَ: حَفِظْتُ مِنْ رَسُولِ اللَّهِ ﷺ :«دَعْ مَا يَرِيبُكَ إِلَى مَا لَا يَرِيبُكَ»
- مجموعة زاد الحديث(2)1(دَعْ مَا يَرِيبُكَ إِلَى مَا لَا يَرِيبُكَ...)