Ewe Se wa Al-Mundhiri! Mbega urazi Aayah ihambaye cane ufise iri mu Gitabu c'Imana Allah, iyo ari yo?". Ubayyi yavuze ati: "Aho naciye mvuga nishura nti ni: {ALLAAHU LAA ILAAHA ILLAA HUWA L-HAYYU L-QAYYUUM}" (Al-Baqara: 255). Ubayyi yavuze ati: "Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaciye ikubita ku gikiriza canje, ica ivuga iti: "Ndarahiye kw'izina ry'Imana Allah mvuga nti: "Ewe Se wa Al-Mundhiri! Urakaberwa n'ubumenyi, Urakagira ubumenyi""".
Mu vyakiriwe na Ubayyi mwene Ka'bi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Ewe Se wa Al-Mundhiri! Mbega urazi Aayah ihambaye cane ufise iri mu Gitabu c'Imana Allah, iyo ari yo?". Ubayyi yavuze ati: "Maze nca mvuga nti: "Imana Allah hamwe n'Intumwa yayo ni Bo bazi kurusha"". Ica irasubira kumbaza ivuga iti: "Ewe Se wa Al-Mundhiri! Mbega urazi Aayah ihambaye cane ufise iri mu Gitabu c'Imana Allah, iyo ari yo?". Ubayyi yavuze ati: "Aho naciye mvuga nishura nti ni: {ALLAAHU LAA ILAAHA ILLAA HUWA L-HAYYU L-QAYYUUM}" (Al-Baqara: 255). Ubayyi yavuze ati: "Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaciye ikubita ku gikiriza canje, ica ivuga iti: "Ndarahiye kw'izina ry'Imana Allah mvuga nti: "Ewe Se wa Al-Mundhiri! Urakaberwa n'ubumenyi, Urakagira ubumenyi""".
«يَا أَبَا الْمُنْذِرِ، أَتَدْرِي أَيُّ آيَةٍ مِنْ كِتَابِ اللهِ مَعَكَ أَعْظَمُ؟» قَالَ: قُلْتُ: اللهُ وَرَسُولُهُ أَعْلَمُ. قَالَ: «يَا أَبَا الْمُنْذِرِ، أَتَدْرِي أَيُّ آيَةٍ مِنْ كِتَابِ اللهِ مَعَكَ أَعْظَمُ؟» قَالَ: قُلْتُ: {اللهُ لا إِلَهَ إِلا هُوَ الْحَيُّ الْقَيُّومُ} [البقرة: 255]. قَالَ: فَضَرَبَ فِي صَدْرِي، وَقَالَ: «وَاللهِ لِيَهْنِكَ الْعِلْمُ، أَبَا الْمُنْذِرِ».
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yabajije Ubayyi mwene Ka'bi ku vyerekeye Aayah ihambaye cane mu Gitabu c'Imana Allah, Ubayyi aca aragonanwa mu kwishura, hanyuma arahava yishura ko ari Aayatu l-Kursiy: {ALLAAHU LAA ILAAHA ILLAA HUWA L-HAYYU L-QAYYUUM}, Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca aramushigikira kuri iyo nyishu, maze akubita ku gikiriza ciwe, mu kwerekana ko nya gikiriza cuzuye ubumenyi n'ubushobozi bwo gushika ku kuri mu mvugo n'ingiro "hik-mat", aranamusabira ko yohimbarwa akanaroranirwa n'ubwo bumenyi afise.
...:
Iyagwa neza n'icubahiro gihambaye Ubayyi mwene Ka'bi (Imana Allah Imwishimire) afise.
Aayatu l-Kursiyyi, ni yo Aayah ihambaye mu Gitabu c'Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, birakenewe rero kuyifata ku mutwe no kuzigama insiguro yayo hamwe no kuyigendera mu kuyishira mu ngiro.
Igitabu "Swahiihu Muslim" (1/ 556) (810).
Ivyiyongeyeko (4)
إكمال المعلم (3/178).
الكاشف عن حقائق السنن (5/1644).
المفهم (2/436).
البحر المحيط الثجاج في شرح صحيح الإمام مسلم بن الحجاج (16/ 394).
Cited in books
3 BooksIvyiyongeyeko (3)
- رياض الصالحينرياض الصالحين مع فوائد وهدايات - 5«يا أبا المُنْذِرِ، أتدري أيُّ آيةٍ مِن كتابِ اللهِ مَعَكَ أعظمُ؟» قلتُ: {ٱللَّهُ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَ ٱلحَيُّ ٱلقَيُّومُ}، فَضَرَبَ في صَدْري، وقال: «لِيهْنَكَ العلمُ أبا المُنْذِرِ».
- موسوعة الإيمانفعن أُبَيِّ بْنِ كَعْبٍ رضي الله عنه قَالَ: قَالَ رَسُولُ اللهِ صلى الله عليه وسلم: «يَا أَبَا الْمُنْذِرِ، أَتَدْرِي أَيُّ آيَةٍ مِنْ كِتَابِ اللهِ مَعَكَ أَعْظَمُ؟» قَالَ: قُلْتُ: اللهُ وَرَسُولُهُ أَعْلَمُ. قَالَ: «يَا أَبَا الْمُنْذِرِ
- نبراس طالب (1)1«يَا أَبَا الْمُنْذِرِ، أَتَدْرِي أَيُّ آيَةٍ مِنْ كِتَابِ اللهِ مَعَكَ أَعْظَمُ؟» قَالَ: قُلْتُ: اللهُ ورَسُولُهُ أَعْلَمُ. قَالَ: «يَا أَبَا الْمُنْذِرِ، أَتَدْرِي أَيُّ آيَةٍ مِنْ كِتَابِ اللهِ مَعَكَ أَعْظَمُ؟» قَالَ: قُلْتُ: (ٱللَّهُ ل