"Uwunga ubuvandimwe mu kugira ico atanze, si uwusubiriza uwundi mu ndumane; ariko uwunga ubuvandimwe koko mu kugira ico atanze, ni urya iyo hagize uwuca ubuvandimwe bwiwe, aheza akabwunga (mu guha uwamwimye no mu kubabarira uwamugiriye nabi)".
Mu vyakiriwe na Abdullaahi mwene Amri (Imana Allah Ibishimire bompi we hamwe na se), yavuze ko Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yavuze ati:
"Uwunga ubuvandimwe mu kugira ico atanze, si uwusubiriza uwundi mu ndumane; ariko uwunga ubuvandimwe koko mu kugira ico atanze, ni urya iyo hagize uwuca ubuvandimwe bwiwe, aheza akabwunga (mu guha uwamwimye no mu kubabarira uwamugiriye nabi)".
«لَيْسَ الْوَاصِلُ بِالْمُكَافِئِ، وَلَكِنِ الْوَاصِلُ الَّذِي إِذَا قُطِعَتْ رَحِمُهُ وَصَلَهَا».
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), arigana mu kwerekana ko umuntu arangwa n'ubuntu nya buntu mu kwunga ubuvandimwe no mu kugirira ubugwaneza incuti za hafi mu muryango, atari urya asubiriza uwundi mu ndumane mu kwishura ineza iyindi, ahubwo ko uwunga koko ubuvandimwe arangwa n'ubuntu nya buntu mu kugira ico atanze mu kubwunga, ari urya iyo hagize uwuca ubuvandimwe bwiwe akamugirira inabi, yitwararika kubwunga mu bugwaneza.
المكافئ: الذي يكافئهم على صلتهم له، إن وصلوه وصلهم وإن قطعوه قطعهم.
وصلها: برها وأحسن إليها.
Kwunga ubuvandimwe bwemewe mu bwislamu, ni uko wokunga ubw'uwuguciye mu bandi, ukababarira uwukurenganije, ugaha n'uwukwimye, si ukwunga ubucuti bw'uwaguhaye mu ntumbero yo kumusubiriza mu ndumane canke kugira ineza ku yindi.
Kwunga ubuvandimwe rero, bikorwa mu kugirira neza abandi mu buryo ubwo ari bwo bwose bushoboka; haba mu kubaha mu matungo, mu kubasabira ku Mana Allah, mu kubabwiriza gukora ivyiza no kubabuza gukora ibibi, n'ibindi, hamwe rero no mu kubakingira inabi mu buryo ubwo ari bwo bwose, iyo izanana hose.
Igitabu "Swahiihu l-Bukhaariy" (8/ 6) (5991).
Ivyiyongeyeko (8)
منار القاري شرح مختصر صحيح البخاري.
لحمزة محمد قاسم (5/ 242).
بهجة الناظرين.
لسليم الهلالي (1/ 397).
نزهة المتقين.
لمصطفى الخن وغيره (1/ 311).
شرح رياض الصالحين.
لابن عثيمين (3/ 190).
Cited in books
6 BooksIvyiyongeyeko (6)
- رياض الصالحينرياض الصالحين مع فوائد وهدايات - 2«لَيْسَ الْوَاصِلُ بالمكافئِ، وَلكِنَّ الوَاصِلَ الَّذِي إذَا قَطَعَتْ رَحِمُهُ وَصَلَهَا».
- قاموس الكبائر موسوعة الكبائر - المجموعة الأولى«لَيْسَ الوَاصِلُ بِالْمُكَافِئِ، وَلَكِنَّ الوَاصِلَ الَّذِي إِذَا قُطِعَتْ رَحِمُهُ وَصَلَهَا» [137].
- قاموس الكبائر«لَيْسَ الوَاصِلُ بِالْمُكَافِئِ، وَلَكِنَّ الوَاصِلَ الَّذِي إِذَا قُطِعَتْ رَحِمُهُ وَصَلَهَا» [137].
- مجموعة زاد التربية الإسلامية (1)، والسيرة النبوبة (1)، والعقيدة (1)، والفقه (1)التربية الأسلامية 1«ليْس الواصِلُ بِالْمُكافِئ، ولكِنِ الواصِلُ الّذِي إِذا قُطِعتْ رحِمُهُ وصلها»
- مجموعة زاد الحديث(2)1«ليس الواصِلُ بالمكافِئ، ولكن الواصل الذي إذا قُطِعت رَحِمُهُ وَصَلَها»
- نبراس طالب (1)1«لَيْسَ الوَاصِلُ بِالْمُكَافِئِ، وَلَكِنِ الوَاصِلُ الَّذِي إِذَا قُطِعَتْ رَحِمُهُ وَصَلَهَا»