Skip to content
الأنفَال /

Ayah 42

8 : 42

Ayah 42 of الأنفَال (8 : 42). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

الأنفَال Ayahs 75
Surah · الأنفَال
Ikirundi · Gehiti
8 : 42

إِذۡ أَنتُم بِٱلۡعُدۡوَةِ ٱلدُّنۡيَا وَهُم بِٱلۡعُدۡوَةِ ٱلۡقُصۡوَىٰ وَٱلرَّكۡبُ أَسۡفَلَ مِنكُمۡۚ وَلَوۡ تَوَاعَدتُّمۡ لَٱخۡتَلَفۡتُمۡ فِي ٱلۡمِيعَٰدِ وَلَٰكِن لِّيَقۡضِيَ ٱللَّهُ أَمۡرٗا كَانَ مَفۡعُولٗا لِّيَهۡلِكَ مَنۡ هَلَكَ عَنۢ بَيِّنَةٖ وَيَحۡيَىٰ مَنۡ حَيَّ عَنۢ بَيِّنَةٖۗ وَإِنَّ ٱللَّهَ لَسَمِيعٌ عَلِيمٌ

Bemeramana! Nimwibuke n’igihe mwari mu kabande kari mu micungararo ya Madina, umwansi wanyu na we ari mu kabande kari hirya yanyu, ico gihe ibitwazi vyikoreye ibidandazwa vyari amaja epfo yanyu ku nkengera z’ibahari ritukura; iyo muhana isango ryo kuhahurira ntimwari kurihurizako, ariko Imana Allah Yarabahuje kw’isango mutari mwiteze kugira Ishitse icagezwe ko Yageneye intsinzi abatoni bayo, n’uko iteterezwa ryo kwicwa no kugirwa imbohe ari iry’abansi bayo. Ivyo vyabaye ukwo, kugira ngo uwuhahonera wese, ahone yamaze kwibonera ivyemezo vy’Imana Allah; uwuharokoka na we nyene, arokoke yamaze kwibonera ivyemezo vyayo. Mu vy’ukuri, nta nkeka ko Imana Allah ari Nyenukwumva, Irumva ibivugwa n’imigwi yompi; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo iyo migwi ikora n’ivyo izirikana.