Skip to content
الأعرَاف /

Ayah 37

7 : 37

Ayah 37 of الأعرَاف (7 : 37). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

الأعرَاف Ayahs 206
Surah · الأعرَاف
Ikirundi · Gehiti
7 : 37

فَمَنۡ أَظۡلَمُ مِمَّنِ ٱفۡتَرَىٰ عَلَى ٱللَّهِ كَذِبًا أَوۡ كَذَّبَ بِـَٔايَٰتِهِۦٓۚ أُوْلَٰٓئِكَ يَنَالُهُمۡ نَصِيبُهُم مِّنَ ٱلۡكِتَٰبِۖ حَتَّىٰٓ إِذَا جَآءَتۡهُمۡ رُسُلُنَا يَتَوَفَّوۡنَهُمۡ قَالُوٓاْ أَيۡنَ مَا كُنتُمۡ تَدۡعُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِۖ قَالُواْ ضَلُّواْ عَنَّا وَشَهِدُواْ عَلَىٰٓ أَنفُسِهِمۡ أَنَّهُمۡ كَانُواْ كَٰفِرِينَ

Nta n'umwe rero arenganya akimonogoza gusumba uwurementaniriza Imana Allah, canke uwuhakana Aayah zayo! Abo ni bo rero bashikirwa n’amahirwe n’amagorwa kw’isi vyanditswe mu Gitabu c’ivyagezwe n'ishirwa mu ngiro ryavyo “Lawhu Mahfudhw”, gushika igihe bashikiriwe n’Intumwa zacu z’abamalayika bajejwe urupfu kugira zibice, zice zibabaza ziti: “Biri hehe ivyo mwahora musenga mu gishingo c’Imana Allah kugira bibakize intureka z’urupfu?”; bazokwishura bati: “Yoo! Vyamaze kuzimangana”. Muri ico gihe rero, bazoheza bemange ko bahoze kw’isi ari abagarariji mu guhakana bivuye inyuma ko hari Imana Imwe Rudende.

Explanation & meanings · 1
  1. Barongowe na Malaku l-mawti.