Skip to content
الأعرَاف /

Ayah 142

7 : 142

Ayah 142 of الأعرَاف (7 : 142). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

الأعرَاف Ayahs 206
Surah · الأعرَاف
Ikirundi · Gehiti
7 : 142

۞ وَوَٰعَدۡنَا مُوسَىٰ ثَلَٰثِينَ لَيۡلَةٗ وَأَتۡمَمۡنَٰهَا بِعَشۡرٖ فَتَمَّ مِيقَٰتُ رَبِّهِۦٓ أَرۡبَعِينَ لَيۡلَةٗۚ وَقَالَ مُوسَىٰ لِأَخِيهِ هَٰرُونَ ٱخۡلُفۡنِي فِي قَوۡمِي وَأَصۡلِحۡ وَلَا تَتَّبِعۡ سَبِيلَ ٱلۡمُفۡسِدِينَ

Mwibuke n’igihe Twaha Musa isezerano ryo kuvugana n’Imana Allah mu majoro mirongo itatu, hanyuma Turaheza Twongerako ayandi majoro cumi, gutyo ikiringo c’amajoro mirongo ine yagenewe n’Imana yiwe Rurema Allah kiba kirakwiye. Ni ho rero Musa yaheza abwira murumunawe Haruna ati: “Mbera icariho mu bantu banje gushika aho nzogarukira, uheze ubararikire kwumvira Imana Allah no kuyisenga, kandi ntuzohirahire ngo ukurikire inzira y’abagenzwa n’ubwononyi kw’isi”.