Skip to content
الأعرَاف /

Ayah 101

7 : 101

Ayah 101 of الأعرَاف (7 : 101). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

الأعرَاف Ayahs 206
Surah · الأعرَاف
Ikirundi · Gehiti
7 : 101

تِلۡكَ ٱلۡقُرَىٰ نَقُصُّ عَلَيۡكَ مِنۡ أَنۢبَآئِهَاۚ وَلَقَدۡ جَآءَتۡهُمۡ رُسُلُهُم بِٱلۡبَيِّنَٰتِ فَمَا كَانُواْ لِيُؤۡمِنُواْ بِمَا كَذَّبُواْ مِن قَبۡلُۚ كَذَٰلِكَ يَطۡبَعُ ٱللَّهُ عَلَىٰ قُلُوبِ ٱلۡكَٰفِرِينَ

Ntumwa y’Imana! Ivyo bisagara Tukudondaguriye rero, ivyashikiye ababibamwo birimwo urwibutso ku bibuka, harimwo n’igabisha ku ntumva. Ni ukuri, abantu bo muri nya bisagara barashikiriwe n’Intumwa zabo zibangikanije ivyemezo vyerekana ukuri kwazo, ariko ntibigeze bazemera ku kubera ihakana ryabo ry’ukuri bazaniwe. Ni nk’uko nyene rero Imana Allah - Yateye ikimangu ku mitima yabo ntibemera - Itera ikimangu ku mitima y’abagararije Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).

Explanation & meanings · 1
  1. Ni ibisagara vy’abantu barungikiwe Nuhu, abarungikiwe Huudi, abarungikiwe Swalehe, abarungikiwe Luutwi n’abarungikiwe Shu’ayibu.