Skip to content
Al-Mumtahana /

Ayah 12

60 : 12

Ayah 12 of Al-Mumtahana (60 : 12). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

Al-Mumtahana Ayahs 13
Surah · Al-Mumtahana
Ikirundi · Gehiti
60 : 12

يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّبِيُّ إِذَا جَآءَكَ ٱلۡمُؤۡمِنَٰتُ يُبَايِعۡنَكَ عَلَىٰٓ أَن لَّا يُشۡرِكۡنَ بِٱللَّهِ شَيۡـٔٗا وَلَا يَسۡرِقۡنَ وَلَا يَزۡنِينَ وَلَا يَقۡتُلۡنَ أَوۡلَٰدَهُنَّ وَلَا يَأۡتِينَ بِبُهۡتَٰنٖ يَفۡتَرِينَهُۥ بَيۡنَ أَيۡدِيهِنَّ وَأَرۡجُلِهِنَّ وَلَا يَعۡصِينَكَ فِي مَعۡرُوفٖ فَبَايِعۡهُنَّ وَٱسۡتَغۡفِرۡ لَهُنَّ ٱللَّهَۚ إِنَّ ٱللَّهَ غَفُورٞ رَّحِيمٞ

Ewe Muvugishwamana! Abemeramanakazi, nibaza bagutumbera bashaka kwiyemeza imbere yawe ko batazobangikanya Imana Allah, batazokwiba, batazorenga ibigo, batazokwica abana babo ku gutinya ubukene canke guteterwa, batazovuga ikinyoma mu kwomekera abana ku bagabo babo mu gihe atari ba se babavyara, batazoca kubiri n’ivyo ubabwirije, uraheza rero ubemerere isezerano ryabo, maze ubasabire imbabazi ku Mana Allah. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.

Explanation & meanings · 1
  1. Harimwo no gukorora imbanyi.