6 : 37
وَقَالُواْ لَوۡلَا نُزِّلَ عَلَيۡهِ ءَايَةٞ مِّن رَّبِّهِۦۚ قُلۡ إِنَّ ٱللَّهَ قَادِرٌ عَلَىٰٓ أَن يُنَزِّلَ ءَايَةٗ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ
Ababangikanyamana bavuze ku kagagazo bati: “Muhamadi ntiyari gupfuma amanurirwa n’Imana yiwe Rurema Allah igitangaro gifadika cemeza ukuri kwiwe; nk’inkoni yahawe Musa, canke ingamiya yururukirijwe Swalehe!”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Mu vy’ukuri, Imana Allah Irashoboye kubamanunira icemezo gifadika, ariko rero abenshi muri bo, ntibazi ko imanurwa ry’ivyemezo bifadika riba ku mvo zigenwa gusa n’Imana Allah”.