Skip to content
Al-Hadiid /

Ayah 16

57 : 16

Ayah 16 of Al-Hadiid (57 : 16). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

Al-Hadiid Ayahs 29
Surah · Al-Hadiid
Ikirundi · Gehiti
57 : 16

۞ أَلَمۡ يَأۡنِ لِلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ أَن تَخۡشَعَ قُلُوبُهُمۡ لِذِكۡرِ ٱللَّهِ وَمَا نَزَلَ مِنَ ٱلۡحَقِّ وَلَا يَكُونُواْ كَٱلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡكِتَٰبَ مِن قَبۡلُ فَطَالَ عَلَيۡهِمُ ٱلۡأَمَدُ فَقَسَتۡ قُلُوبُهُمۡۖ وَكَثِيرٞ مِّنۡهُمۡ فَٰسِقُونَ

Mbega, ntiharagera ku bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, ko imitima yabo yoroshwa n’iyibutswa ry’Imana Allah no kwumviriza Qor’ani, gutyo ntibagire agatimatare nk’ak’abahawe Igitabu hambere yabo mu bayahudi n’abanaswara, bo haciye ikiringo kirekire hagati yabo n’Intumwa barungikiwe, bagaca bahindagura amajambo y’Imana Allah, maze imitima yabo na yo ku butumva bwabo, icika nk’ibuye ry’urutare! Kandi abenshi muri bo, ni ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.

Explanation & meanings · 1
  1. Iyi Aayah, ihimiriza abemeramana ko bakwiye kwinengesera bakorosha umutima mu gihe co kwumviriza Qor’ani n’inyigisho z’intumwa, maze muri ico gihe bakiyubara gutebura no kugira agatimatare nk’abahawe Igitabu, ari na vyo bitera ubugaba bwo kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.