47 : 29
أَمۡ حَسِبَ ٱلَّذِينَ فِي قُلُوبِهِم مَّرَضٌ أَن لَّن يُخۡرِجَ ٱللَّهُ أَضۡغَٰنَهُمۡ
Ahubwo none, indyarya zoba zibwira ko Imana Allah Itazoshira ahabona Ikagaragaza inzigo n’ishari bafitiye ubwislamu n’abislamu! Nta kibuza rero ko Imana Allah Izobishira ahabona mu kwerekana imvugakuri n’umunyakinyoma.