Skip to content
الشُّورى /

Ayah 45

42 : 45

Ayah 45 of الشُّورى (42 : 45). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

الشُّورى Ayahs 53
Surah · الشُّورى
Ikirundi · Gehiti
42 : 45

وَتَرَىٰهُمۡ يُعۡرَضُونَ عَلَيۡهَا خَٰشِعِينَ مِنَ ٱلذُّلِّ يَنظُرُونَ مِن طَرۡفٍ خَفِيّٖۗ وَقَالَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ إِنَّ ٱلۡخَٰسِرِينَ ٱلَّذِينَ خَسِرُوٓاْ أَنفُسَهُمۡ وَأَهۡلِيهِمۡ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِۗ أَلَآ إِنَّ ٱلظَّٰلِمِينَ فِي عَذَابٖ مُّقِيمٖ

Uzobabona rero berekwa umuriro udahera, batanakakaza ku guteterwa n’ubwoba n’akantu, bahumaguza mu kuwuraba badashoboye kuwuhanga ijisho. Abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo, aho bari mu Bwami bw’ijuru, bamaze kubona ivyashikiye abagarariji, bazovuga bati: “Mu vy’ukuri, abahomvye nya guhomba, ni abahomvye ubuzima bwabo hamwe n’ababo mu kwinjira mu muriro udahera ku musi w’izuka”. Bantu, nimwumve mwumvireho! Mu vy’ukuri abirenganije mu bugarariji, ku musi w’izuka bazoba bari mu bihano vyamaho ata gutezurirwa.