Skip to content
غَافِر /

Ayah 50

40 : 50

Ayah 50 of غَافِر (40 : 50). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

غَافِر Ayahs 85
Surah · غَافِر
Ikirundi · Gehiti
40 : 50

قَالُوٓاْ أَوَلَمۡ تَكُ تَأۡتِيكُمۡ رُسُلُكُم بِٱلۡبَيِّنَٰتِۖ قَالُواْ بَلَىٰۚ قَالُواْ فَٱدۡعُواْۗ وَمَا دُعَٰٓؤُاْ ٱلۡكَٰفِرِينَ إِلَّا فِي ضَلَٰلٍ

Abamalayika bazobishura n’agashinyaguro n’akantu bati: “Mbega none, ntimwashikiriwe n’Intumwa zanyu mwarungikiwe, zikaza zibangikanije ivyemezo bitomoye, mukazihakana mwivuye inyuma!”. Na bo bazoheza bemange bati: “Ego cane zaradushikiriye!”. Ni ho ba bamalayika bazoca babiyama bati: “Kubera ivyo rero, twebwe ntiturota tubasabira, enda nimwisabire mwebwe nyene, ariko rero ntimwumvirwa ngo mutezurirwe kuko muri abagarariji, burya igisabisho c’abagarariji nta co kibashikanako, kiretse ko kiba impfagusa”.