Skip to content
النِّسَاء /

Ayah 127

4 : 127

Ayah 127 of النِّسَاء (4 : 127). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

النِّسَاء Ayahs 176
4 : 127

وَيَسۡتَفۡتُونَكَ فِي ٱلنِّسَآءِۖ قُلِ ٱللَّهُ يُفۡتِيكُمۡ فِيهِنَّ وَمَا يُتۡلَىٰ عَلَيۡكُمۡ فِي ٱلۡكِتَٰبِ فِي يَتَٰمَى ٱلنِّسَآءِ ٱلَّٰتِي لَا تُؤۡتُونَهُنَّ مَا كُتِبَ لَهُنَّ وَتَرۡغَبُونَ أَن تَنكِحُوهُنَّ وَٱلۡمُسۡتَضۡعَفِينَ مِنَ ٱلۡوِلۡدَٰنِ وَأَن تَقُومُواْ لِلۡيَتَٰمَىٰ بِٱلۡقِسۡطِۚ وَمَا تَفۡعَلُواْ مِنۡ خَيۡرٖ فَإِنَّ ٱللَّهَ كَانَ بِهِۦ عَلِيمٗا

Muvugishwamana! Abantu barakubaza ibibadidaniye ku bijanye n’ingingo zerekeye abakenyezi, babwire ko Imana Allah Ibatomorera ingingo zerekeye abo bakenyezi, n’ingingo musomerwa mu Gitabu zerekeye impfuvyikazi mudahereza ivyo Imana Allah Yazigeneye mu nkwano n’ibisigi, no mu bindi bijanye n’agateka kazo, mugaheza mukipfuza kuzabira, Iranabatomorera ingingo zerekeye abatishoboye mu bana b’abahungu, hamwe rero n’ukuntu mwotunganiriza impfuvyi, ata kuzirenganya mu kutubahiriza agateka kazo. Ico ari co cose rero mugize mu vyiza, mu vy’ukuri Imana Allah Yamye ari Nyenubumenyikurivyose, Izokibahembera.