30 : 34
لِيَكۡفُرُواْ بِمَآ ءَاتَيۡنَٰهُمۡۚ فَتَمَتَّعُواْ فَسَوۡفَ تَعۡلَمُونَ
Gutyo inyuma y’ikurwako rya nya vyago bakagarariza mu guhakana inema Twebwe Allah Twabahaye. Babangikanyamana! Nimuryoherwe rero mwidagadure gato mu buzima bwo kw’isi, muzoheza mumenye ibihano mutegekanirijwe ku musi w’izuka.