Skip to content
آل عِمران /

Ayah 112

3 : 112

Ayah 112 of آل عِمران (3 : 112). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

آل عِمران Ayahs 200
Surah · آل عِمران
Ikirundi · Gehiti
3 : 112

ضُرِبَتۡ عَلَيۡهِمُ ٱلذِّلَّةُ أَيۡنَ مَا ثُقِفُوٓاْ إِلَّا بِحَبۡلٖ مِّنَ ٱللَّهِ وَحَبۡلٖ مِّنَ ٱلنَّاسِ وَبَآءُو بِغَضَبٖ مِّنَ ٱللَّهِ وَضُرِبَتۡ عَلَيۡهِمُ ٱلۡمَسۡكَنَةُۚ ذَٰلِكَ بِأَنَّهُمۡ كَانُواْ يَكۡفُرُونَ بِـَٔايَٰتِ ٱللَّهِ وَيَقۡتُلُونَ ٱلۡأَنۢبِيَآءَ بِغَيۡرِ حَقّٖۚ ذَٰلِكَ بِمَا عَصَواْ وَّكَانُواْ يَعۡتَدُونَ

Abayahudi, Imana Allah Yaramaze kubahomera n’agasuzuguro aho hose bazoba bari, kiretse kw’isezerano bahawe n’Imana Allah n’iryo bahawe n’abantu, kugira ngo umutekano wabo hamwe n’ivyabo bikingirwe. Barakwiye rero ishavu ry’Imana Allah, baranahomewe n’agasuzuguro ko gutinya abemeramana. Ivyo bikaba biterwa n’ukuntu bahora bagarariza Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah, bakica n’Abavugishwamana ku karenganyo, ivyo bakaba babitewe n’ibicumuro bakora, bari n’abantu barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.

Explanation & meanings · 1
  1. Mu gihe boreka kugeramira no kuburagiza ubwislamu n’abislamu. Iryo sezerano ryitwa “AQDU DHIMMAH”.