Skip to content
القَصَص /

Ayah 11

28 : 11
القَصَص Ayahs 88
Surah · القَصَص
Ikirundi · Gehiti
28 : 11

وَقَالَتۡ لِأُخۡتِهِۦ قُصِّيهِۖ فَبَصُرَتۡ بِهِۦ عَن جُنُبٖ وَهُمۡ لَا يَشۡعُرُونَ

Nyina wa Musa amaze gukororera mu ruzi nya sandugu yashizemwo Musa, ni ho yabwira mushiki wa Musa ati: “Mwananje! Kurikirana iyi sandugu, maze urabe iherezo ryayo”. Nya mukobwa yarayikurikiranye gushika n’aho ayibona ihagaze ku nkengera z’uruzi rwa Nili; muri ico gihe, ingabo za Firawuni ntizanamenye ko ari mushiki wa Musa ariko arayikurikirana kuko yayirabira kure nk’uwutahari.