24 : 15
إِذۡ تَلَقَّوۡنَهُۥ بِأَلۡسِنَتِكُمۡ وَتَقُولُونَ بِأَفۡوَاهِكُم مَّا لَيۡسَ لَكُم بِهِۦ عِلۡمٞ وَتَحۡسَبُونَهُۥ هَيِّنٗا وَهُوَ عِندَ ٱللَّهِ عَظِيمٞ
Igihe mwahanahana inkuru y’iryo rementanya kandi ari ikinyoma ceruye, mugaheza mukarikwiragiza mu kuvuga ivyo mutazi, mwibaza ko ari ikintu coroshe cofatwa minenegwe kandi ku Mana Allah ari icaha rutura!
Explanation & meanings · 1
- Ugukwiragiza igihuha, kuba kurimwo ivyaha bibiri; ukuvuga ikinyoma hamwe rero no kuvuga ico umuntu adafitiye ubumenyi bucemeza. Iyi Aayah rero, irihaniza yivuye inyuma ugufata minenegwe ikwiragizwa ry’igihuha.