Skip to content
هُود /

Ayah 107

11 : 107
هُود Ayahs 123
Surah · هُود
Ikirundi · Gehiti
11 : 107

خَٰلِدِينَ فِيهَا مَا دَامَتِ ٱلسَّمَٰوَٰتُ وَٱلۡأَرۡضُ إِلَّا مَا شَآءَ رَبُّكَۚ إِنَّ رَبَّكَ فَعَّالٞ لِّمَا يُرِيدُ

Bazowubamwo ibihe bidahera mu gihe cose hazoba hakiri ijuru n’isi, kiretse igihe Imana yawe Rurema Allah Yashatse gutezurira ibigaba mu bemeramana, Igaheza Ikabakura muri wo. Ntumwa y'Imana! Mu vy’ukuri, Imana yawe Rurema Allah Ikora ivyo Ishaka.

Explanation & meanings · 1
  1. Amajuru n'isi bivugwa ng'aha, ni amajuru n'isi vyo mu buzima bw'inyuma yo gupfa, aho aya majuru n'isi vyo mu buzima bwo kw'isi, bizosubirizwa ayandi majuru n'isi. Imana Allah Ivuga Iti: "Umusi isi izosubirizwa iyindi si yera nk’umwakaka, n’amajuru agasubirizwa ayandi majuru, maze ibiremwa vyose bigasokoroka mu kuzimu bidora, bikarenguka imbere y’Imana Allah, Nyarudende, Nyeninkomezi-ntangere" (Igisomwa Ibrahimu: 48).