Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

24 of 183 cards

Clear filters
"Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yarigeze kubazwa ku bintu kenshi na kenshi bizotuma abantu binjira mu Bwami bw'ijuru, ica yishura ivuga iti: "Igamburukiramana hamwe rero n'umuntu kurangwa n'ingeso nziza". Yaranabajijwe ku bintu kenshi na kenshi bizotuma abantu binjira mu muriro, ica yishura ivuga iti: "Akarimi ku muntu hamwe rero n'igitsina"".
Inyigisho nziza y'intumwa kandi yemewe Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy, Ibnu Maajah na Ahmad
"Umusi umwe nari mpetswe n'Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ku gitwazi iraheza imbwira iti: "Kibondo! Mu vy'ukuri ngira ndakwigishe amajambo ngirakamaro, enda zigama Imana Allah mu kubungabunga amabwirizwa yayo, na Yo Izokuzigama Ikubungabunge; zigama Imana Allah uzoyisanga imbere yawe mu biguhanze; niwagira ico usavye, urasaba Imana Allah, niwashaka gusaba imfashanyo urayisaba Imana Allah. Menya kandi ko abantu bose mu gihe bohuriza ku ngingo yuko hari ico bakumarira, ata na kimwe boshobora kukumarira kiretse kirya Imana Allah Yamaze kukwandikira ko ukironka; no mu gihe bohuriza ku ngingo yuko bakugeramira, ata na kimwe boshobora kukugeramirako kiretse kirya Imana Allah Yamaze kukwandikira ko kigushikira; burya rero ikaramu yandika ivyagezwe kuri umwumwe wese, yaramaze kwandika, kandi n'impapuro vyanditseko zaramaze kwumuka"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy
"Iyo Imana Allah Igenye isango ry'ishirwa mu ngiro ry'urupfu rw'umuja ko rizomushikira ari ahantu hanaka, Iraheza Igatuma nya muja akenera ikintu gituma ajayo".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy
"Imana Allah Yaratanze akarorero k'inzira igororotse, ku mpande zose za nya nzira hari insika zibiri ziriko imiryango yuguruye; kuri nya miryango na ho hariko Ibizibizo bimanitswe; ku ntango ya nya nzira na ho hari umuraritsi ahamagara avuga ati: "Emwe bantu! Enda nyabuna mwese nimuce muri iyi nzira, ntimuhirahire ngo muce ku mpande zayo!". Hakaba n'uwundi muraritsi ahamagarira hejuru ya nya nzira, maze hagira uwushatse kwugurura umuryango muri ya miryango, agaca yamama avuga ati: "Ntuhirahire ngo uwugurure, kuko niwaramuka uwuguruye uca winjira". Iyo nzira rero, ni ubwislamu; nayo insika zibiri ziri ku mpande zayo, ni imbibe z'amabwirizwa y'Imana Allah; iyo miryango yuguruye na yo, ni ivyaziririjwe n'Imana Allah; uyo muraritsi na we ahamagara ku ntango y'iyo nzira na we, ni Igitabu c'Imana Allah ca Qor'ani; nayo umuraritsi ahamagarira hejuru y'iyo nzira, akaba ari umushaha mwibutsamana uri mu mutima wa buri mwislamu".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy na Ahmad
"Ugusaba igisabisho, ni co gikorwa nya gikorwa c'iyegerezamana", hanyuma aca arasoma Aayah, aho Imana Allah Ivuga Iti: ﴾Bantu! Imana yanyu Rurema Allah Yavuze Iti: “Nimunsabe mutambangikanya na kimwe mu biremwa, maze Ndabahe ivyo musavye; mu vy’ukuri, abagira amanyama mu kuticisha bugufi ngo banyiyegereze mu vyo bakora banansenge Ndi Imana Imwe Rudende, bazokwinjira mu muriro wa Jahannamu basuzuguritse”﴿ (Ghaafir: 60).
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Abu Dawudi, Al-Tirmidhiy, Ibnu Maajah na Ahmad
"Narigeze kuba ndi kumwe n'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ku rugendo, maze umusi umwe turiko turagenda mba ndi hafi cane yiwe, nca mvuga nti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Mbwira igikorwa cotuma ninjira mu Bwami bw'ijuru kikanyigiza kure y'umuriro". Aca anyishura avuga ati: "Ni ukuri, umbajije ku kintu gihambaye, coroshe gukora ku wacoroherejwe n'Imana Allah: Ni uko wiyegereza ukanasenga Imana Allah utayibangikanya na kimwe mu biremwa; ugatsimbataza amasengesho-bwirizwa; ugatanga ishikanwa-bwirizwa; ugapfunga ukwezi kwa Ramadhani; ukanashengerera ingoro ntagatifu". Hanyuma yaciye ambwira ati: "Mbega none ndakwereke imiryango y'ivyiza bisa!? Ugupfunga, ni inkinzo ikingira umuntu umuriro, imperezwa na yo ihanagura igicumuro kigaherengetera nka kurya amazi azimya umuriro, hamwe rero n'isengesho ry'umuntu asenga mu gicugu". Mu'aadhi yavuze ati: "Hanyuma aca asoma Aayah ati: ﴾Baravyuka bakigira kure y’uburiri basenga mu gicugu ...﴿ (As-Sajda: 16) gushika kuri ﴾...ku vyiza bamye bakora kw’isi﴿ (As-Sajda: 17); mu nyuma aca avuga ati: "Mbega ndakwiganire umutwe wa vyose, inkingi yavyo hamwe n'isonga ry'ipfupfu ryavyo!?". Naciye nishura nti: "Ego cane Ntumwa y'Imana nyiganira!". Yaciye avuga ati: "Umutwe wa vyose ni ubwislamu, inkingi ya vyose na yo ni isengesho, isonga ry'ipfupfu rya vyo na ryo ni uguharanira idini ry'Imana Allah"; mu nyuma aca avuga ati: "Mbega none ndakwiganire ikigaba kikaganza ivyo vyose ndakwiganiye?", nanje nca mvuga nti: "Ego cane Muvugishwamana nyiganira!", araheza afata isonga ry'ururimi rwiwe aca avuga ati: "Gumya aka karimi". Nanje nca mvuga nitangaza nti: "Ewe Muvugishwamana! Burya ni ukuri, tuzohanirwa ivyo tuvuga?", aca avuga ati: "Mu'aadhi! Nyoko arakakubura! None burya hari ikizota abantu mu muriro bakazobanza mu maso habo canke bakagwira amazuru yabo, atari uguhanirwa ivyavuzwe n'akarimi kabo!"".
Inyigisho y'intumwa yemewe mu bwakirizi bwayo bwose Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy, Ibnu Maajah na Ahmad
"Kibondo! Mu vy'ukuri ngira ndakwigishe amajambo ngirakamaro: enda zigama Imana Allah mu kubungabunga amabwirizwa yayo, na Yo Izokuzigama Ikubungabunge; zigama Imana Allah uzoyisanga imbere yawe mu biguhanze, niwagira ico usavye, urasaba Imana Allah, niwashaka gusaba imfashanyo urayisaba Imana Allah, menya kandi ko abantu bose mu gihe bohuriza ku ngingo yuko hari ico bakumarira, ata na kimwe boshobora kukumarira, kiretse kirya Imana Allah Yamaze kukwandikira ko ukironka; no mu gihe bohuriza ku ngingo yuko bakugeramira, ata na kimwe boshobora kukugeramirako, kiretse kirya Imana Allah Yamaze kukwandikira ko kigushikira; burya rero ikaramu yandika ivyagezwe kuri umwumwe wese, yaramaze kwandika, kandi n'impapuro vyanditseko zaramaze kwumuka"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy n'abandi
"Umuntu niyakunda mwenewabo araheza amubwire ko amukunda".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Abu Dawudi, Al-Tirmidhiy na Al-Nasaa-iy mu gutabu "Sunanu l-Kubraa" na Ahmad