Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

12 of 183 cards

Clear filters
"Hari umugabo yigeze kuvuga ati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Mbega burya tuzohanirwa ivyo twakoze tukiri mu kwemera ibintazi (mu bujuju bw'ukutamenya ubwislamu)?". Intumwa yishuye iti: " Uwo wese azoba umugwaneza mu vyo akora ari mu bwislamu, ntazohanirwa ivyo yakoze acemera ibintazi. Nayo uwuzokora ibibi ari mu bwislamu, azoheza ahanirwe ivyo yakoze hambere no hanyuma"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Ubwislamu bwubakiye ku nkingi zitanu: Ukwemera n'ukwemanga ko ata mana ibwirijwe gusengwa atari Imana Imwe Rudende Allah, n'uko Muhamadi ari Umuja wayo akaba n'Intumwa yayo; ugutsimbataza isengesho; ugutanga ishikanwa-bwirizwa; ugushengerera ingoro ntagatifu y'Imana Allah iri i Makka; hamwe rero n'ugupfunga ukwezi kwa Ramadhani".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Nategetswe ko ndwanya abantu gushika bemeye bakemanga ko ata mana ibwirijwe gusengwa vy'ukuri atari Imana Imwe Rudende Allah, n'uko Muhamadi ari Intumwa y'Imana Allah, baheze rero batsimbataze isengesho, banatange n'ishikanwa-bwirizwa". Nibaramuka bakoze ivyo rero, bazoba bakingiye ubuzima bwabo hamwe n'amatungo yabo; kiretse gusa ku gateka k'ubwislamu bategerezwa kwubahiriza, ahasigaye iharurwa ryabo ku vyo bakoze rikazoba ku Mana Allah".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Igihe kimwe twari twicaranye n'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) mu musigiti, haca hinjira umuntu umwe yari ku ngamiya, araheza ayipfukamika mu musigiti hanyuma ayizirikira aho, mu nyuma aca abaza abari ng'aho ati: "Ni nde Muhamadi muri mwebwe?". Muri ico gihe Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yari yicaye muri twebwe, duca tuvuga duti: "Ni uyu mugabo yera yicaye ku mavi". Nya muntu aca amubwira ati: "Ewe Mwene Abdu Al-Muttwalibu!", Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca avuga ati: "Ni ukuri ndakwumva kandi baza ndakwishura". Wa mugabo aca abaza Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ati: "Mu vy'ukuri, jewe ndakubaza, kandi ndakubaza ibibazo bigoye, ntuhave rero ungirira akarigangamuhogo!". Na we amwisura ati: "Baza ku vyo wiyumvira", wa mugabo aca abaza ati: "Ndakwinginze unkundire ndakubaze kw'izina ry'Imana yawe Rurema, Ikaba n'Imana Rurema y'abo hambere yawe, burya none Allah ni We Yakurungitse ku bantu bose?". Na we aca yishura ati: "Allah ni We Cabona, ego cane ni We Yandungitse". Wa mugabo arongera avuga ati: "Ndakwinginze ko wonyishura kw'izina rya Allah, burya Allah ni We Yagutegetse ko dusenga amasengesho atanu ku murango no mw'ijoro?", na we aca amwishura ati: "Allah ni We Cabona, ego cane ni We Yabintegetse!". Uri uwundi aca asubizayo ati: ""Ndakwinginze ko wonyishura kw'izina rya Allah, burya Allah ni We Yagutegetse ko dupfunga uku kwezi kwa Ramadhani mu mwaka?". Na we aca aramwishura ati: "Allah ni We Cabona, ego cane ni We Yabintegetse!". Nya mugabo arongera avuga ati: "Ndakwinginze ko wonyishura kw'izina rya Allah, burya Allah ni We Yagutegetse gutora ishikanwa-bwirizwa, waka abatunzi muri twebwe ukarihereza abakene muri twebwe?". Na we aca aramwishura ati: "Imana Allah ni We Cabona, ego cane ni We Yabintegetse!". Wa mugabo aca avuga yemanga ati: "Ndemeye rero ivyo warungikanywe vyose, kandi burya ndi intumwa y'abo naserukiye bari inyuma yanje mu bantu banje, ni jewe Dwamaamu mwene Tha'laba mwenewabo na Bene Sa'di mwene Bakri"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu