Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

8 of 183 cards

Clear filters
"Mana yanje Nzima! Uwo wese azoshingwa amabanga ku kintu ico ari co cose mu bijanye no gutunganiriza abantu narungitsweko, hanyuma akabaremereza (akabananiza) mu kubatunganiriza, Uraca Umuremereza (Umunaniza) mu mabanga yiwe. Uwo wese azoshingwa amabanga ku kintu ico ari co cose mu bijanye no gutunganiriza abantu narungitsweko, hanyuma akaborohereza mu kubatunganiriza, Uraheza Umworohereze mu mabanga yiwe"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Uwuzobona muri mwebwe ikibi gisasiwe indava, araheza akibuze akoresheje inguvu z'iminwe yiwe; nibitamushobokera ku nguvu z'iminwe, araheza akoreshe ururimi maze yamame; nibitamushobokera gukoresha ururimi, araca yanka yankirize nya kibi ku mushaha wiwe, ukwo kucanka ku mushaha rero, ni kwo kwemera kugoyagoya"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Burya idini ry'ubwislamu rishingiye ku guhanurana (ritsimbatazwa mu guhanurana)", abari ng'aho muri twebwe, duca tuvuga tubaza duti: "Ugahanurana kuvugwa ng'aha, kwerekeye nde? gukorwa gute? ", araheza yishura ati: "Ni ukwubaha n'ukwubahiriza amabwirizwa y'Imana Allah, ukwemera n'ukwemanga ibiri mu Gitabu cayo, ukwumvira n'ugushira mu ngiro ivyigishijwe n'Intumwa yayo, ukwubaha n'ukwumvira indongozi z'abislamu mu bidaciye kubiri n'amabwirizwa y'Imana Allah, hamwe rero n'ukwibutsa abislamu muri rusangi; ko bubaha bakanagendera amabwirizwa y'Imana Allah".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Agahimba kose mu bihimba vy'umubiri w'umuntu, karafise imperezwa kotanga maze umuntu akayihemberwa. Buri musi izuba riserutse rero, maze umuntu agatunganiriza abantu babiri batase, iba ari imperezwa ahemberwa, afashije umuntu mu kumwuriza ku gitwazi ciwe canke mu kumuterurira udukoresho twiwe akadushira kuri nya gitwazi, iba ari imperezwa ahemberwa, eka ni n'ijambo ryiza rihumuriza umuntu avuze, iba ari imperezwa ahemberwa, n'intambwe umuntu ateye aja gusenga, iba ari imperezwa ahemberwa, n'ugukura mu nzira ikibangamira abarengana, iba ari imperezwa ahemberwa".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Burya idini ry'ubwislamu rishingiye ku guhanurana (ritsimbatazwa mu guhanurana)", abari ng'aho muri twebwe, duca tuvuga tubaza duti: "Ugahanurana kuvugwa ng'aha, kwerekeye nde? gukorwa gute? ", araheza yishura ati: "Ni ukwubaha n'ukwubahiriza amabwirizwa y'Imana Allah, ukwemera n'ukwemanga ibiri mu Gitabu cayo, ukwumvira n'ugushira mu ngiro ivyigishijwe n'Intumwa yayo, ukwubaha n'ukwumvira indongozi z'abislamu mu bidaciye kubiri n'amabwirizwa y'Imana Allah, hamwe rero n'ukwibutsa abislamu muri rusangi; ko bubaha bakanagendera amabwirizwa y'Imana Allah".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Nta muntu n'umwe aragizwa n'Imana Allah gutunganiriza abantu ku kintu na kimwe, bigashika agapfa umusi yageneweko, uwo musi agapfa yahora akoresha urwenge mu guhenda abo yaragijwe, kiretse ko Imana Allah Yamaze kuziririza kuri we ko azokwnjira mu Bwami bw'ijuru"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Agahimba kose mu bihimba vy’umubiri w'umuntu, karafise imperezwa kotanga maze umuntu akayihemberwa. Buri musi izuba riserutse rero, maze umuntu agatunganiriza abantu babiri batase, iba ari imperezwa ahemberwa; afashije umuntu mu kumwuriza ku gitwazi ciwe canke mu kumuterurira udukoresho twiwe akadushira kuri nya gitwazi, iba ari imperezwa ahemberwa; eka n'ijambo ryiza rihumuriza umuntu, iba ari imperezwa ahemberwa; n'intambwe umuntu ateye aja gusenga, iba ari imperezwa ahemberwa; n'ugukura mu nzira ikibangamira abarengana, iba ari imperezwa ahemberwa".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Igihe kimwe twari twicaranye n'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) mu musigiti, haca hinjira umuntu umwe yari ku ngamiya, araheza ayipfukamika mu musigiti hanyuma ayizirikira aho, mu nyuma aca abaza abari ng'aho ati: "Ni nde Muhamadi muri mwebwe?". Muri ico gihe Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yari yicaye muri twebwe, duca tuvuga duti: "Ni uyu mugabo yera yicaye ku mavi". Nya muntu aca amubwira ati: "Ewe Mwene Abdu Al-Muttwalibu!", Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca avuga ati: "Ni ukuri ndakwumva kandi baza ndakwishura". Wa mugabo aca abaza Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ati: "Mu vy'ukuri, jewe ndakubaza, kandi ndakubaza ibibazo bigoye, ntuhave rero ungirira akarigangamuhogo!". Na we amwisura ati: "Baza ku vyo wiyumvira", wa mugabo aca abaza ati: "Ndakwinginze unkundire ndakubaze kw'izina ry'Imana yawe Rurema, Ikaba n'Imana Rurema y'abo hambere yawe, burya none Allah ni We Yakurungitse ku bantu bose?". Na we aca yishura ati: "Allah ni We Cabona, ego cane ni We Yandungitse". Wa mugabo arongera avuga ati: "Ndakwinginze ko wonyishura kw'izina rya Allah, burya Allah ni We Yagutegetse ko dusenga amasengesho atanu ku murango no mw'ijoro?", na we aca amwishura ati: "Allah ni We Cabona, ego cane ni We Yabintegetse!". Uri uwundi aca asubizayo ati: ""Ndakwinginze ko wonyishura kw'izina rya Allah, burya Allah ni We Yagutegetse ko dupfunga uku kwezi kwa Ramadhani mu mwaka?". Na we aca aramwishura ati: "Allah ni We Cabona, ego cane ni We Yabintegetse!". Nya mugabo arongera avuga ati: "Ndakwinginze ko wonyishura kw'izina rya Allah, burya Allah ni We Yagutegetse gutora ishikanwa-bwirizwa, waka abatunzi muri twebwe ukarihereza abakene muri twebwe?". Na we aca aramwishura ati: "Imana Allah ni We Cabona, ego cane ni We Yabintegetse!". Wa mugabo aca avuga yemanga ati: "Ndemeye rero ivyo warungikanywe vyose, kandi burya ndi intumwa y'abo naserukiye bari inyuma yanje mu bantu banje, ni jewe Dwamaamu mwene Tha'laba mwenewabo na Bene Sa'di mwene Bakri"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu