Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

53 of 183 cards

Clear filters
"Iciza cose umuntu akoze, agihemberwa indishi y'imperezwa".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy mu vyakiriwe na Jaabiri, ikanashikirizwa na Muslimu mu vyakiriwe na Hudhayfa
"Iyo muba mwishimikiza Imana Allah mu vyo mukora ukuri kw'ukuyishimikiza, ni ukuri Yobaronkeje ibibabeshaho bikwiye nka kurya Ironsa inyoni ibizibeshaho bikwiye, aho ubona zizinduka zikagenda zishonje zikagaruka zihaze, amabondo yafoye".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy, Ibnu Maajah na Ahmad
"Mu vy'ukuri, ni ukuri ibirekuwe birazwi mw'idini biranatomoye; kandi ni ukuri n'ibizira birazwi biranatomoye. Ariko rero n'uko biri ukwo, hagati y'ibi na biriya hari ibintu biteye amazinda, ndetse abenshi mu bantu ntibazi ingingo zivyerekeye. Kubera ivyo rero, uwuzokwirinda kugwa mu biteye amazinda, azoba akingiye idini ryiwe n'icubahiro ciwe; nayo uwuzogwa mu biteye amazinda, azoba aguye mu bizira; nka kurya kw'umwungere aragiriye ku nkengera y'itongo rikingiwe ritavogerwa, ahakwa kwonesha muri nya tongo. Enda rero bantu nimwumve mwumvireho! Ni ukuri, burya umwami wese aba afise itongo rikingiwe ritavogerwa. Bantu nimwumve mwumvireho! Ni ukuri, burya itongo ry'Imana Allah rikingiwe ritavogerwa, ni birya bizira Yaziririje. Bantu nimwumve mwumvireho! Ni ukuri, burya mu mubiri w'umuntu harimwo igihimba c'inyama, iyo gitunganye umubiri wose uraheza ugatungana; iyo naho cononekaye, umubiri wose uraheza ukononekara. Bantu nimwumve mwumvireho! Ico gihimba c'inyama si ikindi, ni umutima".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Mu vy'ukuri, Imana Allah Izofata umuntu umwe mu bantu narungitsweko, kugira Imuharurire ishengero ry'ibiremwa rikoraniye ng'aho ku musi w'izuka, aheze yugururirwe ibitabu mirongo icenda c'icenda vyanditswemwo ivyo yakoze vyose, kimwe cose muri vyo kizoba ari kirekire kireha n'ibuheramaso, hanyuma Imana Allah Ibwire nya muntu Iti: "Muri ibi vyose, hari na kimwe uhakana? Abanditsi banje babungabunga ibikorwa vy'ibiremwa, hari na kimwe bakurenganijeko!?". Wa muntu azoheza yishure ati: "Mana yanje Rurema! Habe namba". Imana Allah Izoca Imubaza Iti: "None hari ico wokwireguza ku vyo wakoze?". Wa muntu aheze yishure ati: "Mana yanje Rurema! Ihibambewe, nta co mfise nokwireguza". Maze Imana Allah Ice Imubwira Iti: "Ego cane, urafise ico wokwireguza, mu vy'ukuri urafise iciza twakuzigamiye, kukaba nkako kuri uno musi, nta na kimwe urenganywako". Hazoca herekanwa agatabu kanditsemwo gati: "ASH-HADU AN LAA ILAAHA ILLA LLAAH, WA-ASH-HADU ANNA MUHAMMADA ABDUHU WARASUULUH". Imana Allah Ishoke Ivuga Iti: "Genda rero upimirwe ku munzane ivyo wakoze". Wa muntu azokwitangaza maze avuga ati: "Mana yanje Rurema Allah! Agatabu nk'aka gapimwe hambavu y'ibitabu nk'ibi bingana amahanga!?". Imana Allah Izomwishura Imuhumuriza Iti: "Mu vy'ukuri, wewe nturenganywa na mba". Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati: "Ico gihe rero vya bitabu amahanga bizoshirwa kw'isahani y'umunzane, ka gatabu nako gashirwe kw'isanani y'urundi ruhande rw'umunzane, maze nya bitabu bice bihwahuka, ka gatabu na ko gace karemera ku munzane, kanatsinda nta kintu coza kiremereye namba gusumba izina ry'Imana Allah"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy na Ibnu Maajah
"Gateranya ntazopfa yinjiye mu Bwami bw'ijuru"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Mu vy'ukuri, abantu bakoresha nabi amatungo y'Imana Allah, maze bakayakoresha mu vyo atagenewe, baragenewe umuriro ku musi w'izuka ry'ibiremwa"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy
"Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yarigeze kubazwa ku bintu kenshi na kenshi bizotuma abantu binjira mu Bwami bw'ijuru, ica yishura ivuga iti: "Igamburukiramana hamwe rero n'umuntu kurangwa n'ingeso nziza". Yaranabajijwe ku bintu kenshi na kenshi bizotuma abantu binjira mu muriro, ica yishura ivuga iti: "Akarimi ku muntu hamwe rero n'igitsina"".
Inyigisho nziza y'intumwa kandi yemewe Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy, Ibnu Maajah na Ahmad
"Nta n'umwe yemera bikwiye, atabanje gukundira mwenewabo mu bantu ko aronka nk'ivyo wenyene ubwiwe akunda ko yoronka".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu