Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

53 of 183 cards

Clear filters
"Ntugakengere ikintu na kimwe mu vyiza, n'aho kwoba ari uguhura na mwenewanyu ukeye (ushwashwanutse) mu maso"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Uwipfuza kwugururirwa mu bimubeshaho (uwukunda ko ahabwa umusesekara mu bimubeshaho), agahabwa n'ubuzima burebure, araheza yunge ubuvandimwe bw'abo basangiye amaraso".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Mu vy'ukuri, ni ukuri ibirekuwe birazwi mw'idini biranatomoye; kandi ni ukuri n'ibizira birazwi biranatomoye. Ariko rero n'uko biri ukwo, hagati y'ibi na biriya hari ibintu biteye amazinda, ndetse abenshi mu bantu ntibazi ingingo zivyerekeye. Kubera ivyo rero, uwuzokwirinda kugwa mu biteye amazinda, azoba akingiye idini ryiwe n'icubahiro ciwe; nayo uwuzogwa mu biteye amazinda, azoba aguye mu bizira; nka kurya kw'umwungere aragiriye ku nkengera y'itongo rikingiwe ritavogerwa, ahakwa kwonesha muri nya tongo. Enda rero bantu nimwumve mwumvireho! Ni ukuri, burya umwami wese aba afise itongo rikingiwe ritavogerwa. Bantu nimwumve mwumvireho! Ni ukuri, burya itongo ry'Imana Allah rikingiwe ritavogerwa, ni birya bizira Yaziririje. Bantu nimwumve mwumvireho! Ni ukuri, burya mu mubiri w'umuntu harimwo igihimba c'inyama, iyo gitunganye umubiri wose uraheza ugatungana; iyo naho cononekaye, umubiri wose uraheza ukononekara. Bantu nimwumve mwumvireho! Ico gihimba c'inyama si ikindi, ni umutima".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Umuntu niyakunda mwenewabo araheza amubwire ko amukunda".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Abu Dawudi, Al-Tirmidhiy na Al-Nasaa-iy mu gutabu "Sunanu l-Kubraa" na Ahmad
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yigeze kwumva umugabo ariko arahanura mwenewabo ku bijanye n'ukwisonera, ko adakwiye kwama yagize isoni imbere y'abantu, aca avuga ati: "Burya ukwisonera, kuri mu bigize ukwemera kw'umuntu".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu