Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

38 of 183 cards

Clear filters
"Umusi umwe twari ku Ntumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), maze haseruka umugabo yambaye impuzu zera de, afise umushatsi wirabura tsiritsiri, nta na kimwe cerekana ko avuye ku rugendo, eka nta n'umwe muri twebwe yamumenye, araheza yicara imbere y'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aca akomanya amavi yiwe ku mavi y'Intumwa (yegereza amavi yiwe ku mavi y'Intumwa), maze arambika ibiganza vyiwe ku bibero vyayo, aca avuga ati: "Ewe Muhamadi! Enda nyabuna nyiganira ku vyerekeye ubwislamu ico ari co". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) iraheza yishura iti: "Ubwislamu, ni uko wemera ku mutima ukatura n'ururimi, wemanga ko ata mana ibwirijwe gusengwa atari Imana Allah, ukemera kandi ku mutima ukatura n'ururimi, wemanga ko Muhamadi ari Intumwa yayo; ugatsimbataza isengesho; ugatanga ishikanwa-bwirizwa; ugapfunga ukwezi kwa Ramadhani; ukanashengerera ingoro ntagatifu iri i Makka mu gihe ushoboye gushikayo". Wa mugabo aca avuga ashimangira inyishu ati: "Uvuze ukuri nk'ukurima". Omari yavuze ati: "Abari ng'aho, vyaradutangaje kwumva umuntu abaza hanyuma agaca yemera inyishu ahawe ata guhigimanga!". Wa mugabo arongera avuga ati: "Enda nyabuna nyiganira ivyerekeye ukwemera ico ari co". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ica irishura iti: "Ni uko wemera Imana Allah, abamalayika bayo, Ibitabu vyayo, Intumwa zayo, umusi w'iherezo, hamwe rero n'ukwemera ivyagezwe ku biremwa: ivyiza muri vyo n'ibibi". Wa mugabo aca avuga ashimangira inyishu ati: "Uvuze ukuri nk'ukurima". Wa mugabo araheza avuga ati: "Enda nyabuna nyiganira rero no ku vyerekeye ubugwaneza ico ari co". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ica irishura iti: "Ni uko wiyegereza Imana Allah mu vyo ukora vyose ukanayisenga nk'aho woba uyibona; mu gihe wokwibwira ko utayibona, ariko ubwirizwa kumenya ko Yoyo Ikubona". Wa mugabo arasubira avuga ati: "Enda nyabuna nyiganira ku vyerekeye umuhero w'isi, umbwire ni ryari uzoshika?". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ica yishura iti: "Burya uwubajijwe ico kibazo, si we azi inyishu yaco gusumba uwakibajije!". Wa mugabo asubizayo ati: "Enda rero nyiganira nyabuna ku vyerekeye ibimenyetso vy'umuhero w'isi". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) iraheza yishura iti: "Ni uko uzobona umuguranokazi avyara inabuja, ukabona n'abantu bagenda n'ibirenge bisa ata birato, bambaye ubusa, barangwa n'ubukene ubaravye uko basa, abungere b'intungwa barusharushanwa mu kuduza inyubakwa". Omari yavuze ati: "Hanyuma wa mugabo yaciye agenda, nca mara akanya gato, Intumwa ica imbwira imbaza iti: "Ewe Omari! Woba wamenye uwariko arabaza, uwo ari we!?". Nanje nca ndishura nti: "Ihibambewe! Imana Allah n'Intumwa yayo, ni bo Bazi kurusha". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ica imbwira iti: "Urya yari umumalayika Jibrili yaje kugira abigishe idini ryanyu"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
hari abantu mu ngendanyi z'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) bigeze kumubwira n'impungenge n'akantu bati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Abatunzi baramaze gutwara indishi zose, basenga nk'uko dusenga, bagapfunga nk'uko dupfunga, bagaheza bagatanga imperezwa mu birenzeko mu matungo yabo"; aca abishura abahumuriza ati: "None burya Imana Allah ntiyabahaye ivyo mwotangako imperezwa!? Mu vy'ukuri, ininahaza n'itaziramana ryose "TASBIIH", ni imperezwa; ikuzamana ryose "TAKBIIR", ni imperezwa; ishimagizamana ryose "TAHMIID", ni imperezwa; iyemanga ry'uko Imana Allah ari Imwe Rudende "TAHLIIL", ni imperezwa; ukubwiriza abantu gukora ivyiza, ni imperezwa; ukubuza abantu gukora ibibi, ni imperezwa; vyongeye, no mu kurangura amabanga y'abubatse, harimwo imperezwa". Ba bantu baca bavuga mu gutangara n'akantu bati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Vyumvikana gute ko umwe muri twebwe arangura amabanga y'abubatse mu kurondera kuryoherwa, hanyuma akabironkeramwo impera!?"; aca arabishura ibagondoza iti: "Mbega none mubona gute mu gihe yoronderera ukwo kuryoherwa mu bizira (mu gusambana), yokwandikirwa icaha?, ni nk'uko nyene rero no mu gihe aronderereye ukwo kuryoherwa mu birekuwe, araheza akandikirwa indishi".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Mu vy'ukuri, Imana Allah hamwe n'Intumwa yayo Baraziririje kugurisha inzoga, kwihereza intumvyi n'ingurube, hamwe rero n'isengwa ry'ibigirwamana". Maze umuntu umwe mu bari aho aca avuga ati: "Ntumwa y'Imana! Ubona gute mu gihe ibinure vyokurwa ku ntumvyi! Mu vy'ukuri, ivyo binure birakoreshwa mu gusiga ku mbaho zikoreshwa mu kwubaka ubwato, bigasigwa no ku nsato kugira zorohe, eka n'abantu nyene baravyisiga, vyoba birekuwe?". Intumwa ica yishura iti: "Ihibambewe! Ivyo binure kirazira kuvyikorako". Hanyuma ico gihe Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaciye ivuga iti: "Abayahudi barakicwa n'Imana Allah! Ni ukuri, igihe Imana Allah Yaziririza ibinure vy'intumvyi ku bayahudi, barabihinguye baca baravyikorako mu kubigurisha, hanyuma bafungura igiciro cavyo".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Uraba kw'isi nk'aho woba uri umushitsi canke ingenzi iri ku rugendo"". Mwene Omari rero yahora avuga ati: "Niwabona wiriwe, ntukarindirize igikorwa gushika mu gitondo; niwabona wiriwe naho, ntukarindirize igikorwa gushika ku mugoroba; uraheza rero ukore mu gihe ufise amagara meza ibizogufasha niwakikwa n'amagara ukaremba; uheze ukore no mu buzima bwawe, ibizogufasha niwamara gupfa".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy
"Kibondo! Mu vy'ukuri ngira ndakwigishe amajambo ngirakamaro: enda zigama Imana Allah mu kubungabunga amabwirizwa yayo, na Yo Izokuzigama Ikubungabunge; zigama Imana Allah uzoyisanga imbere yawe mu biguhanze, niwagira ico usavye, urasaba Imana Allah, niwashaka gusaba imfashanyo urayisaba Imana Allah, menya kandi ko abantu bose mu gihe bohuriza ku ngingo yuko hari ico bakumarira, ata na kimwe boshobora kukumarira, kiretse kirya Imana Allah Yamaze kukwandikira ko ukironka; no mu gihe bohuriza ku ngingo yuko bakugeramira, ata na kimwe boshobora kukugeramirako, kiretse kirya Imana Allah Yamaze kukwandikira ko kigushikira; burya rero ikaramu yandika ivyagezwe kuri umwumwe wese, yaramaze kwandika, kandi n'impapuro vyanditseko zaramaze kwumuka"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy n'abandi
"Mu vy'ukuri, ni ukuri ibirekuwe birazwi mw'idini biranatomoye; kandi ni ukuri n'ibizira birazwi biranatomoye. Ariko rero n'uko biri ukwo, hagati y'ibi na biriya hari ibintu biteye amazinda, ndetse abenshi mu bantu ntibazi ingingo zivyerekeye. Kubera ivyo rero, uwuzokwirinda kugwa mu biteye amazinda, azoba akingiye idini ryiwe n'icubahiro ciwe; nayo uwuzogwa mu biteye amazinda, azoba aguye mu bizira; nka kurya kw'umwungere aragiriye ku nkengera y'itongo rikingiwe ritavogerwa, ahakwa kwonesha muri nya tongo. Enda rero bantu nimwumve mwumvireho! Ni ukuri, burya umwami wese aba afise itongo rikingiwe ritavogerwa. Bantu nimwumve mwumvireho! Ni ukuri, burya itongo ry'Imana Allah rikingiwe ritavogerwa, ni birya bizira Yaziririje. Bantu nimwumve mwumvireho! Ni ukuri, burya mu mubiri w'umuntu harimwo igihimba c'inyama, iyo gitunganye umubiri wose uraheza ugatungana; iyo naho cononekaye, umubiri wose uraheza ukononekara. Bantu nimwumve mwumvireho! Ico gihimba c'inyama si ikindi, ni umutima".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy na Muslimu