Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

27 of 183 cards

Clear filters
hari abantu mu ngendanyi z'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) bigeze kumubwira n'impungenge n'akantu bati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Abatunzi baramaze gutwara indishi zose, basenga nk'uko dusenga, bagapfunga nk'uko dupfunga, bagaheza bagatanga imperezwa mu birenzeko mu matungo yabo"; aca abishura abahumuriza ati: "None burya Imana Allah ntiyabahaye ivyo mwotangako imperezwa!? Mu vy'ukuri, ininahaza n'itaziramana ryose "TASBIIH", ni imperezwa; ikuzamana ryose "TAKBIIR", ni imperezwa; ishimagizamana ryose "TAHMIID", ni imperezwa; iyemanga ry'uko Imana Allah ari Imwe Rudende "TAHLIIL", ni imperezwa; ukubwiriza abantu gukora ivyiza, ni imperezwa; ukubuza abantu gukora ibibi, ni imperezwa; vyongeye, no mu kurangura amabanga y'abubatse, harimwo imperezwa". Ba bantu baca bavuga mu gutangara n'akantu bati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Vyumvikana gute ko umwe muri twebwe arangura amabanga y'abubatse mu kurondera kuryoherwa, hanyuma akabironkeramwo impera!?"; aca arabishura ibagondoza iti: "Mbega none mubona gute mu gihe yoronderera ukwo kuryoherwa mu bizira (mu gusambana), yokwandikirwa icaha?, ni nk'uko nyene rero no mu gihe aronderereye ukwo kuryoherwa mu birekuwe, araheza akandikirwa indishi".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Mu vy'ukuri, Imana Allah hamwe n'Intumwa yayo Baraziririje kugurisha inzoga, kwihereza intumvyi n'ingurube, hamwe rero n'isengwa ry'ibigirwamana". Maze umuntu umwe mu bari aho aca avuga ati: "Ntumwa y'Imana! Ubona gute mu gihe ibinure vyokurwa ku ntumvyi! Mu vy'ukuri, ivyo binure birakoreshwa mu gusiga ku mbaho zikoreshwa mu kwubaka ubwato, bigasigwa no ku nsato kugira zorohe, eka n'abantu nyene baravyisiga, vyoba birekuwe?". Intumwa ica yishura iti: "Ihibambewe! Ivyo binure kirazira kuvyikorako". Hanyuma ico gihe Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaciye ivuga iti: "Abayahudi barakicwa n'Imana Allah! Ni ukuri, igihe Imana Allah Yaziririza ibinure vy'intumvyi ku bayahudi, barabihinguye baca baravyikorako mu kubigurisha, hanyuma bafungura igiciro cavyo".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Mu vy'ukuri, ni ukuri ibirekuwe birazwi mw'idini biranatomoye; kandi ni ukuri n'ibizira birazwi biranatomoye. Ariko rero n'uko biri ukwo, hagati y'ibi na biriya hari ibintu biteye amazinda, ndetse abenshi mu bantu ntibazi ingingo zivyerekeye. Kubera ivyo rero, uwuzokwirinda kugwa mu biteye amazinda, azoba akingiye idini ryiwe n'icubahiro ciwe; nayo uwuzogwa mu biteye amazinda, azoba aguye mu bizira; nka kurya kw'umwungere aragiriye ku nkengera y'itongo rikingiwe ritavogerwa, ahakwa kwonesha muri nya tongo. Enda rero bantu nimwumve mwumvireho! Ni ukuri, burya umwami wese aba afise itongo rikingiwe ritavogerwa. Bantu nimwumve mwumvireho! Ni ukuri, burya itongo ry'Imana Allah rikingiwe ritavogerwa, ni birya bizira Yaziririje. Bantu nimwumve mwumvireho! Ni ukuri, burya mu mubiri w'umuntu harimwo igihimba c'inyama, iyo gitunganye umubiri wose uraheza ugatungana; iyo naho cononekaye, umubiri wose uraheza ukononekara. Bantu nimwumve mwumvireho! Ico gihimba c'inyama si ikindi, ni umutima".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy na Muslimu