Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

73 of 183 cards

Clear filters
"Ewe Mana yanje Nzima! Ntuzogire imva yanje kuba ahantu hasengerwa ibigirwamana; kuko Imana Allah Yavumye abantu bagize imva z'Abavugishwamana babo kuba imisigiti".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Ahmad
"Umuriro wanyu mukoresha kw'isi, ni igice kimwe mu bice mirongo indwi vy'umuriro wa Jahannamu". Hari uwaciye abaza ati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Umuriro wo kw'isi dukoresha, ni ukuri urakwiye kuba woturira ibintu bigahona". Yaciye imwishura iti: "Uwo muriro mubona rero, urushwa ubukazi n'umuriro wa Jahannamu ku bice mirongo itandatu n'icenda, igice kimwe cose muri vyo gifise ubushuhe nk'ubw'uwu muriro wanyu mubona"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
hari umugabo yigeze kubaza Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ati: "Ubona gute mu gihe nosenga amasengesho-bwirizwa, ngapfunga ukwezi kwa Ramadhani, nkubahiriza amabwirizwa y'ibirekuwe nkabikora, nkubahiriza n'amabwirizwa y'ibizira nkavyirinda, hanyuma sindenze na kimwe kuri ivyo ndondaguye, mbega nokwinjira mu Bwami bw'ijuru?". Intumwa yishuye iti: "Ego cane!".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Hari ibintu bine, uwurangwa na vyo aba ari indyarya igaragara, uwuranzwe na kimwe muri vyo, aba aranzwe na kimwe mu bintu biranga indyarya gushika igihe avavanuye na co: iyo agize ngo araganiriye, arabesha; n'iyo agize ngo ariyemeje ikintu, arahemuka ntagishitsa; n'iyo agize ngo aratanze isezerano ntaryubahiriza; n'iyo hagize uwo batase, arerura mu kumucokora".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Mu vy'ukuri, biri mu bimenyetso bizokwibonekeza vyerekana ko umuhero w'isi ugiye gushika: ubumenyi nya bumenyi buzogenda amazimayongo, ubujuju bwake indaro (buzogwirirana), ubusambanyi buzokwiragira, ukunywa inzoga kuzogwirirana, abagabo bazokeha, abagore na bo bazogwirirana kugeza y'aho abagore mirongo itanu bahagarikirwa n'umuhagarikizi umwe w'umugabo"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Naravuze mbaza nti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Mbwira mu vyerekeye ubwislamu, ijambo ntazobaza uwundi muntu n'umwe atari wewe". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yishuye iti: "Vuga uti: "Naremeye Imana Allah", hanyuma ugororoke mu gutsimbatara kw'idini"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, Nyenimigisha-ntangere Yavuze Iti: Jewe ndi Nyawikwije Azira ibangikanywa. Kubera ivyo, uwo wese agize ico akora akimbangikanijeko n'ikindi kintu, nca ndamurekera nya gikorwa nkamutererana n'ico yambangikanije".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Mu vyukuri, Imana Allah ntiraba ingene musa n'uko muremye, eka ntinaraba amatungo yanyu, ariko Iraba ibiri mu mitima yanyu hamwe n'ibikorwa vyanyu vyiza mwakoze".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu