Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

8 of 183 cards

Clear filters
"Igihe Imana Allah Yarema Ubwami bw'ijuru hamwe n'umuriro udahera, Yatumye umumalayika Jibrili (nyakugira amahoro y'Imana Allah) mu Bwami bw'ijuru, maze Imubwira Iti: "Enda nyabuna, genda mu Bwami bw'ijuru, maze urabe ivyo Nategekanirije benebwo". Umumalayika Jibrili maze araraba ibiri muri nya Bwami, araheza aragaruka, aca abwira Imana Allah ati: "Ndarahiye ku cubahiro cawe! Nta wuzokwumva ibiri aho mbonye mu Bwami bw'ijuru, kiretse ko azoharanira kubwinjira". Imana Allah Ica Irategeka ko nya Bwami bukikuzwa n'ivyo abantu banka. Jibrili amaze kubibona araheza avuga n'impungenge n'akantu ati: "Ndarahiye ku cubahiro cawe! Ni ukuri, ndafise ubwoba n'impungenge ko ata n'umwe azoshobora kubwinjira". Imana Allah Ica Imubwira Iti: "Enda rero genda urabe umuriro n'ivyo Nategekanirije benewo". Jibrili agize ngo araravye umuriro abona uragerekeranyeko (uriko uratigita), aca aragaruka abwira Imana Allah ati: "Ndarahiye ku cubahiro cawe! Nta n'umwe azogenda awinjiye". Imana Allah Ica Itegeka ko umuriro ukikuzwa n'ivyo abantu bakunda, Iraheza Imubwira Iti: "Subirayo kandi uheze urabe uko umuriro wifashe". Jibrili agize ngo araraba nya muriro, asanga ukikujwe n'ivyo abantu bakunda", aca aragaruka abwira Imana Allah ati: "Ndarahiye ku cubahiro cawe! Ni ukuri, ndafise ubwoba n'impungenge ko ata n'umwe azorokoka umuriro ngo agende atawinjiye"".
Inyigisho nziza y'intumwa Yashikirijwe na Abu Dawudi, Al-Tirmidhiy na Al-Nasaa-iy
"Umuriro wanyu mukoresha kw'isi, ni igice kimwe mu bice mirongo indwi vy'umuriro wa Jahannamu". Hari uwaciye abaza ati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Umuriro wo kw'isi dukoresha, ni ukuri urakwiye kuba woturira ibintu bigahona". Yaciye imwishura iti: "Uwo muriro mubona rero, urushwa ubukazi n'umuriro wa Jahannamu ku bice mirongo itandatu n'icenda, igice kimwe cose muri vyo gifise ubushuhe nk'ubw'uwu muriro wanyu mubona"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Ntimugasharikane, ntimukaduganirizeko ibiciro mu guta mu rudubi abaguzi, ntimukankane urunuka, ntimugahane umugongo mu guca ubuvandimwe n'ubucuti, ntihakagire muri mwebwe abagurishiriza ikidandazwa ku kindi camaze kugurishwa na bamwe muri mwebwe, muraheza rero mube abaja b'Imana Allah b'abavukanyi. Burya umwislamu ni mwenewabo w'uwundi mwislamu; ntarota amurenganya, eka ntanamwihakana ngo areke kumutabara, kandi ntahirahira ngo amukengere, burya rero nyabuna igamburukiramana nyaryo riri ng'aha", ica ibisubiramwo incuro zitatu itunga n'urutoki ku gikiriza cayo, iraheza ivuga iti: "Birakwiye ku muntu kuba ari ikibi, gukengera mwenewabo w'umwislamu; burya umwislamu wese, ni ikizira kikaziririzwa kuri we: gusesa amaraso y'uwundi mwislamu, kumwambura amatungo yiwe, hamwe rero no kumuhungabaniriza agateka n'icubahiro vy'umuryango wiwe".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Umuriro udahera wakikujwe n'ibikundwa n'abantu mu bisayangana vy'isi; Ubwami bw'ijuru na bwo bwakikujwe n'ibidakundwa n'abantu mu vy'isi".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy
"Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, Nyenimigisha-ntangere Yavuze Iti: Jewe ndi Nyawikwije Azira ibangikanywa. Kubera ivyo, uwo wese agize ico akora akimbangikanijeko n'ikindi kintu, nca ndamurekera nya gikorwa nkamutererana n'ico yambangikanije".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Mu vyukuri, Imana Allah ntiraba ingene musa n'uko muremye, eka ntinaraba amatungo yanyu, ariko Iraba ibiri mu mitima yanyu hamwe n'ibikorwa vyanyu vyiza mwakoze".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Nimwirinde gukora ibintu indwi bihonya bigatongora". Ingendanyi zari ng'aho ziraheza zibaza ziti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Ivyo bintu indwi bihonya bigatongora, ni ibihe?". Intumwa y'Imana ica yishura iti: "Ni ibangikanyamana, ukuroga, ukwica umuntu kizira ko yicwa kiretse mu gihe hubahirijwe ukuri, ukurya inyungu izira (ribaa), ukurya n'ukwihagira amatungo y'impfuvyi, ukugenza umugongo ku rugamba umusi rwarese (rwakamvye), hamwe rero n'ugukorera inteba ishushe mu kwagiriza ubusambanyi abemeramanakazi bubatse izabo batigera biyumvira na rimwe gusambana"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yarigeze kubazwa ku bintu kenshi na kenshi bizotuma abantu binjira mu Bwami bw'ijuru, ica yishura ivuga iti: "Igamburukiramana hamwe rero n'umuntu kurangwa n'ingeso nziza". Yaranabajijwe ku bintu kenshi na kenshi bizotuma abantu binjira mu muriro, ica yishura ivuga iti: "Akarimi ku muntu hamwe rero n'igitsina"".
Inyigisho nziza y'intumwa kandi yemewe Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy, Ibnu Maajah na Ahmad