Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

18 of 183 cards

Clear filters
"Mu vy'ukuri intungane nya ntungane, ku Mana Allah zizohabwa ivyicaro vy'iteka ku nyegamo zikozwe mu muco, ziri iburyo bwa Nyenimpuhwe "Rahmaani", Nyenintsinzi na Nyenicubahiro, kanatsinda amaboko yiwe yompi, ni ay’iburyo", izo ntungane rero, ni barya bantu b'intungane batagira nkunzi mu ngingo bafata igihe bariko batunganiriza abantu, igihe bariko batunganiriza imiryango yabo, no mu gihe co kwubahiriza amabanga n'amabango bajejwe".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Uwo wese yemera Imana Allah ko Ibaho akemera n'umusi w'iherezo ko ubaho, araheza avuge ivyiza canke apfume yinumira; kandi n'uwo wese yemera Imana Allah ko Ibaho, akemera n'umusi w'iherezo ko ubaho, araheza yubahe yubahirize umubanyi wiwe; n'uwo wese kandi yemera Imana Allah ko Ibaho, akemera n'umusi w'iherezo ko ubaho, araheza azimane umushitsi wiwe".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Narigeze kubaza Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ku bijanye n'iciza n'igicumuro, ivyo ari vyo, ica yishura iti: "Iciza, ni umuntu kurangwa n'imigenzo myiza; igicumora na co, ni kirya giteye amadidane mu gikiriza cawe, ukanka n'uko abantu bomenya ko wagikoze"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Gateranya ntazopfa yinjiye mu Bwami bw'ijuru"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Nta n'umwe yemera bikwiye, atabanje gukundira mwenewabo mu bantu ko aronka nk'ivyo wenyene ubwiwe akunda ko yoronka".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Aho hambere harigeze kuba umuntu ahereza abantu ingurane, maze hagera kubishuza akabwira umukozi wiwe arungitse ati: "Niwahura n'uwudufitiye umwenda adashoboye kuwishura, uramurengana umwihoze, kumbure hari n'aho na twe Imana Allah Yoturengana mu kutaduhanira ivyaha vyacu, nya muntu amaze gupfa agahura n'Imana Allah, Yaramurenganye maze Iramubabarira ivyaha vyiwe".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Mu vy'ukuri, Imana Allah Yarategetse kurangwa n'ubugwaneza ku kintu ico ari co cose umuntu akoze. Iyo rero mwishe (mu kwihora uwishe) ba mwica mu bugwaneza; n'iyo mubaze igitungwa, muraheza mukibage mu bugwaneza; kandi rero umwe wese muri mwebwe, nabe abanza gukarisha neza imbugita yiwe, hanyuma aheze aruhure n'ikibagwa ciwe"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Uwutagirira impuhwe abantu, Imana Allah Nyenintsinzi na Nyenicubahiro ntiheza ngo Imugirire impuhwe namba".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu