"Nta muntu n'umwe aragizwa n'Imana Allah gutunganiriza abantu ku kintu na kimwe, bigashika agapfa umusi yageneweko, uwo musi agapfa yahora akoresha urwenge mu guhenda abo yaragijwe, kiretse ko Imana Allah Yamaze kuziririza kuri we ko azokwnjira mu Bwami bw'ijuru"".
Mu vyakiriwe na Ma'qili mwene Yasaari Al-Muzaniy (Imana Allah Imwishimire), yavuze ati: "Mu vy'ukuri, narumvise Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ivuga iti:
"Nta muntu n'umwe aragizwa n'Imana Allah gutunganiriza abantu ku kintu na kimwe, bigashika agapfa umusi yageneweko, uwo musi agapfa yahora akoresha urwenge mu guhenda abo yaragijwe, kiretse ko Imana Allah Yamaze kuziririza kuri we ko azokwnjira mu Bwami bw'ijuru"".
«مَا مِنْ عَبْدٍ يَسْتَرْعِيهِ اللهُ رَعِيَّةً، يَمُوتُ يَوْمَ يَمُوتُ وَهُوَ غَاشٌّ لِرَعِيَّتِهِ، إِلَّا حَرَّمَ اللهُ عَلَيْهِ الْجَنَّةَ».
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aratwiganira ko umuntu wese, Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Yashinze amabanga yo gutunganiriza abantu ku kintu ico ari co cose yaragijwe, yaba ari amabanga yo ku rwego rwo hejuru yo gutunganya vyose; nko kuba indongozi nkuru mu Gihugu "Amiir", canke amabanga bwite; nko kuba umugabo mu rugo rwiwe, n'umugore mu nzu yiwe, hanyuma agatirigana mu kutubahiriza agateka k'abo ajejwe, agakoresha urwenge mu kubahenda, atemera no guhanurwa, maze akirengagiza kwubahiriza agateka kabo mu bijanye n’idini no mu bijanye n'ivy'isi, ko uwo muntu akwiye kuzohabwa igihano gikaze.
...:
Iri sezeranirwa ry'igihano, ntiriraba gusa indongozi nkuru mu Gihugu "Imaamu canke Amiiri" hamwe n'abunganizi babo, ahubwo nyabuna iraba barya bose hari ico baragijwe n'Imana Allah ku rwego urwo ari rwo rwose.
Igitegetswe ku muntu wese hari ico yaragijwe ategerezwa gutunganiriza abislamu, ni uko yemera impanuro bamuhaye, akita ku rutare mu gushitsa imbitso yo kubatunganiriza ata nkunzi, akirinda no kubahemukira.
Ibanga rihambaye, ribangirwa ingata kuri urya wese hari ico yaragijwe, haba mu mabanga rusangi yo ku rwego rwo hejuru mu Gihugu canke ku rwego bwite, yaba ari amabanga manini ahambaye canke mato asanzwe.
Igitabu "Swahiihu l-Bukhaariy" (9/ 64) (7150).
Igitabu "Swahiihu Muslim" (1/ 125) (142).
Ivyiyongeyeko (6)
بهجة الناظرين شرح رياض الصالحين.
لسليم الهلالي (1/ 706).
فيض القدير شرح الجامع الصغير.
للمناوي (5/ 488).
نزهة المتقين شرح رياض الصالحين.
لمجموعة من الباحثين (1/ 543).
Cited in books
2 BooksIvyiyongeyeko (2)
- الخطب المنبريةموسوعة الخطب المنبرية (القسم الثالث)«مَا مِنْ عَبْدٍ يَسْتَرْعِيهِ اللَّهُ رَعِيَّةً، يَمُوتُ يَوْمَ يَمُوتُ وَهُوَ غَاشٌّ لِرَعِيَّتِهِ، إِلَّا حَرَّمَ اللَّهُ عَلَيْهِ الْجَنَّةَ»
- رياض الصالحينرياض الصالحين مع فوائد وهدايات - 3«ما مِنْ عَبْدٍ يَستَرعِيهِ اللهُ رعِيَّةً، يَمُوتُ يَومَ يَمُوتُ وَهُوَ غَاشٌّ لِرَعِيَّتِهِ، إلَّا حَرَّمَ اللهُ عَلَيهِ الجَنَّةَ».