"Igihe umuntu aba ari hafi cane y'Imana yiwe Rurema Allah, ni igihe yubamye. Enda rero nyabuna, rushirizaho rero gusaba kenshi mu gihe mwubamye".
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Igihe umuntu aba ari hafi cane y'Imana yiwe Rurema Allah, ni igihe yubamye. Enda rero nyabuna, rushirizaho rero gusaba kenshi mu gihe mwubamye".
«أَقْرَبُ مَا يَكُونُ الْعَبْدُ مِنْ رَبِّهِ وَهُوَ سَاجِدٌ، فَأَكْثِرُوا الدُّعَاءَ».
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yaratomoye ko igihe umuntu aba ari hafi cane y'Imana yiwe Rurema Allah, ari igihe yubamye. Ivyo biri ukwo, kubera ko uwuriko arasenga ashira hasi igihimba ciwe cubashwe gusumba ibindi bihimba vy'umubiri wiwe (umutwe), maze akubama mu kwerekana ko yicishije bugufi kandi agayitse mu kuba ari umunyentegenke cane ku Mana Allah Nyenintsinzi na Nyenicubahiro. Ni kuri iyo mvo rero, Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yategetse ko umuntu yorushirizaho gusaba kenshi mu gihe yubamye, gutyo agahuriza hamwe mu majambo no mu bikorwa ukwerekana intege nke afise.
Iyumviramana ryongerereza umuntu ubutoni bwo kuba hafi cane y'Imana Allah Nyenukuninahazwa na Nyenuguhabwicubahiro nta ngere.
Birabereye cane kurushirizaho gusaba kenshi mu cubamo; kuko uwo mwanya ari mu myanya yo kwakirirwa ibisabisho.
Igitabu "Swahiihu Muslim" (1/ 350) (482).
Ivyiyongeyeko (6)
شرح رياض الصالحين.
لابن عثيمين (5/ 509).
تطريز رياض الصالحين.
لفيصل المبارك (ص780).
بهجة الناظرين شرح رياض الصالحين.
لسليم الهلالي (2/ 506).
Cited in books
8 BooksIvyiyongeyeko (8)
- الذكر والدعاء والعلاج بالرقي من الكتاب والسنة"أقرب ما يكون العبد من ربه وهو ساجد؛ فأكثروا الدعاء" .
- الله -جل جلاله- أنيس المحبين وملاذ القاصدين«أَقْرَبُ مَا يَكُوْنُ العَبْدُ مِنْ رَبِّهِ وَهُوَ سَاجِدٌ؛ فَأَكْثِرُوا الدُّعَاءَ»
- الله -جل جلاله- أنيس المحبين وملاذ القاصدين«أَقْرَبُ مَا يَكُوْنُ العَبْدُ مِنْ رَبِّهِ وَهُوَ سَاجِدٌ؛ فَأَكْثِرُوا الدُّعَاء»
- حصن المسلم من أذكار الكتاب والسنةحصن المسلم«أَقْرَبُ مَا يَكُونُ العَبْدُ مِنْ رَبِّهِ وَهُوَ سَاجِدٌ فَأَكثِرُوا الدُّعَاءَ»[298].
- رسالة في الأذكار1«أَقْرَبُ مَا يَكُونُ الْعَبْدُ مِنْ رَبِّهِ وَهُوَ سَاجِدٌ، فَأَكْثِرُوا الدُّعَاءَ».
- رياض الصالحينرياض الصالحين مع فوائد وهدايات - 7«أقرَبُ مَا يَكُونُ العَبْدُ من ربِّه وهُوَ ساجدٌ، فأكثرُوا الدُّعاءَ».
- رياض الصالحينرياض الصالحين مع فوائد وهدايات - 7«أقرَبُ ما يكُونُ العَبْدُ من ربِّه وهُوَ ساجدٌ، فأكثرُوا الدُّعاءَ».
- مجموعة زاد التربية الإسلامية (3)، والسيرة النبوية (3)التربية الإٍسلامية -3- «أقربُ ما يكونُ العبدُ من ربِّه وهو ساجدٌ، فأكثروا الدعاءَ»