Skip to content

"Reka gukora ibiguteye amakenga, maze utandukire gukora ibitaguteye amakenga; kuko mu vy'ukuri, ukuri kujana n'ituze ry'umushaha, ni ukuri n'ikinyona nyene kijana n'ukugira amakenga"".

Mu vyakiriwe na Abu Al-Hawraa-i Al-Sa'diy yavuze ati: "Narabwiye Hasani mwene Ali (Imana Allah Ibishimire bompi) nti: "Ni ibiki wafashe ku mutwe wavyumvise ku Ntumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah)?", aca yishura avuga ati: "Nafashe ku mutwe mu vyo numvise ku Ntumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) inyigisho ivuga iti:

"Reka gukora ibiguteye amakenga, maze utandukire gukora ibitaguteye amakenga; kuko mu vy'ukuri, ukuri kujana n'ituze ry'umushaha, ni ukuri n'ikinyona nyene kijana n'ukugira amakenga"".

«دَعْ مَا يَرِيبُكَ إِلَى مَا لاَ يَرِيبُكَ، فَإِنَّ الصِّدْقَ طُمَأْنِينَةٌ، وَإِنَّ الكَذِبَ رِيبَةٌ».

Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy, Al-Nasaa-iy na Ahmad
Inyigishi y'intumwa yemewe
Ugusobanura

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarategetse ko igiteye amakenga mu majambo no mu bikorwa mu kuba kirekuwe canke kibujijwe, canke mu kuba kiziruye canke kizira, umuntu akireka maze agatandukira gukora ikitamuteye amakenga mu bintu azi neza ko ari vyiza kandi birekuwe; kubera ko umutima w'umuntu utekana mu kubikora; ibiteye amakenga na vyo mu kubikora umutima wiwe ukazindanirwa.

Zimwe mu nyungu ziri muri iyi nyigisho y'intumwa:

Ni ngombwa ku mwislamu, ko yubakira ivyo akora ku bumenyi buzira amakenga, gutyo akareka gukora ibimuteye amakenga, maze mu vyerekeye idini ryiwe akama yagavye.

Ukubuza umuntu kugwa mu biteye amazinda "shubuhaati".

Niwashaka gutekanirwa n'ukuruhuka ku mutima, urareka gukora ibiguteye amakenga maze uvyirinde mu kuvyigira kure.

Impuhwe z'Imana Allah ku baja bayo mu kuba Yabategetse ibibaruhura bigatuma batekana ku mutima, no mu kuba Yababujije gukora ibibajuragiza bikabazazanira.

Ibitabu vyisunzwe mu kwandika

Igitabu "Sunanu Al-Nasaa-iy" (8/ 327) (5711).

Igitabu "Sunanu Al-Tirmidhiy" (4/ 286) (2518).

Igitabu "Musnadu Ahmad" (3/ 248) (1723).

Ivyiyongeyeko (5)

التحفة الربانية في شرح الأربعين حديثًا النووية.

لإسماعيل الأنصاري (ص29).

شرح الأربعين النووية.

لابن عثيمين (ص153).

فتح القوي المتين في شرح الأربعين وتتمة الخمسين للنووي وابن رجب (ص56).